ការបកប្រែអត្ថន័យគួរអាន - ការបកប្រែជាភាសាគីរូនឌី - យូសុហ្វ ហ្គីហ៊ីទី

external-link copy
64 : 4

وَمَآ أَرۡسَلۡنَا مِن رَّسُولٍ إِلَّا لِيُطَاعَ بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ وَلَوۡ أَنَّهُمۡ إِذ ظَّلَمُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ جَآءُوكَ فَٱسۡتَغۡفَرُواْ ٱللَّهَ وَٱسۡتَغۡفَرَ لَهُمُ ٱلرَّسُولُ لَوَجَدُواْ ٱللَّهَ تَوَّابٗا رَّحِيمٗا

Nta Ntumwa n’imwe Twarungitse atari ukugira ngo yumvirwe ku bubasha n’ubutungane bw’Imana Allah. Ntumwa y’Imana! Iyo rero abirenganije mu gukora ivyaha baza bakugana - ukiriho - kugira bigaye, baheze basabe Imana Allah imbabazi ku vyaha vyabo, maze Intumwa na yo ibasabire imbabazi ku Mana Allah, bari gusanga Imana Allah ari Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير: