የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ

external-link copy
48 : 68

فَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ وَلَا تَكُن كَصَاحِبِ ٱلۡحُوتِ إِذۡ نَادَىٰ وَهُوَ مَكۡظُومٞ

Ntumwa y’Imana! Tenyenya rero gato, urindire ubutungane bw’Imana yawe Rurema Allah, kandi ntiwihute ngo ube nk’Intumwa Yunusu mwene Matta (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yatamiwe n’ifi amahanga, igihe yatwarwa n’agashavu, ikananirwa kwihangana, igaheza igatabaza n’ishavu n’agahinda Imana yayo Rurema Allah ko Yokwihutira guhana abagarariji; info
التفاسير: