የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ

የገፅ ቁጥር:close

external-link copy
87 : 12

يَٰبَنِيَّ ٱذۡهَبُواْ فَتَحَسَّسُواْ مِن يُوسُفَ وَأَخِيهِ وَلَا تَاْيۡـَٔسُواْ مِن رَّوۡحِ ٱللَّهِۖ إِنَّهُۥ لَا يَاْيۡـَٔسُ مِن رَّوۡحِ ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ

Ehe bane banje! Nimusubire muri Misiri, maze mugendereze inkuru ku vyerekeye Yusufu na murumuna wiwe, kandi ntimwihebure ku mpuhwe z’Imana Allah, burya nta wihebura ku mpuhwe z’Imana Allah, kiretse abantu b’abagarariji, batemera ubushobozi n'ububasha vyayo”. info
التفاسير:

external-link copy
88 : 12

فَلَمَّا دَخَلُواْ عَلَيۡهِ قَالُواْ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡعَزِيزُ مَسَّنَا وَأَهۡلَنَا ٱلضُّرُّ وَجِئۡنَا بِبِضَٰعَةٖ مُّزۡجَىٰةٖ فَأَوۡفِ لَنَا ٱلۡكَيۡلَ وَتَصَدَّقۡ عَلَيۡنَآۖ إِنَّ ٱللَّهَ يَجۡزِي ٱلۡمُتَصَدِّقِينَ

Bahavuye rero basubira muri Misiri, bagize ngo barinjiye kwa Yusufu, bamubwiye bati: “Ewe mutware! Twaratewe n’inzara, twebwe n’umuryango wacu wose, ni ko kuza twibangikanije iki kiguzi gidashemeye, turasavye rero ko mwotugerera ibikwiye nk’uko mwahora mubigenza ku kiguzi nk’ico nyene, n’aho kidashemeye. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irahemba abafasha abandi bakabaha imperezwa”. info
التفاسير:

external-link copy
89 : 12

قَالَ هَلۡ عَلِمۡتُم مَّا فَعَلۡتُم بِيُوسُفَ وَأَخِيهِ إِذۡ أَنتُمۡ جَٰهِلُونَ

Yusufu amaze kwumva ivyo bavuze, yafashwe n’ikigumbagumba, aca ababwira ati: “Mbega mwoba mwibuka ivyo mwagiriye Yusufu na murumunawe igihe mutashobora gutahura iherezo ryanyu?”. info
التفاسير:

external-link copy
90 : 12

قَالُوٓاْ أَءِنَّكَ لَأَنتَ يُوسُفُۖ قَالَ أَنَا۠ يُوسُفُ وَهَٰذَآ أَخِيۖ قَدۡ مَنَّ ٱللَّهُ عَلَيۡنَآۖ إِنَّهُۥ مَن يَتَّقِ وَيَصۡبِرۡ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يُضِيعُ أَجۡرَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Ni ho baca bamubaza bitangaza bati: “Burya mu vy’ukuri, yoba ari wewe Yusufu!?”. Na we ati: “Ego cane ni jewe! Uyu na we ni murumunanje, Imana Allah Yaratugiriye ubuntu maze Iraduhuza. Burya uwutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, akanihanganira ibigeragezo, nta nkeka ko Izobimuhembera; mu vy’ukuri Imana Allah, ntitakaza impera y’abagwaneza”. info
التفاسير:

external-link copy
91 : 12

قَالُواْ تَٱللَّهِ لَقَدۡ ءَاثَرَكَ ٱللَّهُ عَلَيۡنَا وَإِن كُنَّا لَخَٰطِـِٔينَ

Bavuze bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah ko Yamaze kuguha icubahiro kiturengeye, kandi ku vyo twabagiriye, twarakosheje pe!”. info
التفاسير:

external-link copy
92 : 12

قَالَ لَا تَثۡرِيبَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡيَوۡمَۖ يَغۡفِرُ ٱللَّهُ لَكُمۡۖ وَهُوَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ

Yusufu ni ho yabishura ati: “Kuri uno musi, nta kabi kuri mwebwe, Imana Allah Ibababarire ivyaha vyanyu, ni na Yo Nyenimpuhwe kuruta abanyempuhwe bose”. info
التفاسير:

external-link copy
93 : 12

ٱذۡهَبُواْ بِقَمِيصِي هَٰذَا فَأَلۡقُوهُ عَلَىٰ وَجۡهِ أَبِي يَأۡتِ بَصِيرٗا وَأۡتُونِي بِأَهۡلِكُمۡ أَجۡمَعِينَ

Ni ho rero bamwiganira ko se yamaze guhuma biturutse ku ntimba amufitiye, aca ababwira ati: “Nimugende mujanye iyi kanzu yanje; nimwagerayo, muce muyiterera mu maso ya data, azoca asubira kubona ukuri kwamye, hanyuma muzoce mugaruka muzananye n’umuryango wose”. info
التفاسير:

external-link copy
94 : 12

وَلَمَّا فَصَلَتِ ٱلۡعِيرُ قَالَ أَبُوهُمۡ إِنِّي لَأَجِدُ رِيحَ يُوسُفَۖ لَوۡلَآ أَن تُفَنِّدُونِ

Bagize ngo baratanguye urugendo bava muri Misiri bagana muri Shaamu, bafise nya kanzu, se wabo Yakubu yaciye abwira abari kumwe na we ati: “Ni ukuri, ndumva akamoto ka Yusufu n’aho mwoshaka mugatebura ku vyo mvuze, mwibaza ko ndi umukehabwenge”. info
التفاسير:

external-link copy
95 : 12

قَالُواْ تَٱللَّهِ إِنَّكَ لَفِي ضَلَٰلِكَ ٱلۡقَدِيمِ

Abari ng’aho, bamwishuye bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko wewe mu vy’ukuri, ukirembejwe n’intimba y’urukundo rwa Yusufu, bigatuma uguma umubona!”. info
التفاسير: