የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ

external-link copy
31 : 11

وَلَآ أَقُولُ لَكُمۡ عِندِي خَزَآئِنُ ٱللَّهِ وَلَآ أَعۡلَمُ ٱلۡغَيۡبَ وَلَآ أَقُولُ إِنِّي مَلَكٞ وَلَآ أَقُولُ لِلَّذِينَ تَزۡدَرِيٓ أَعۡيُنُكُمۡ لَن يُؤۡتِيَهُمُ ٱللَّهُ خَيۡرًاۖ ٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا فِيٓ أَنفُسِهِمۡ إِنِّيٓ إِذٗا لَّمِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Jewe sindigera ndababwira na rimwe ko ngaba ibigega vy’Imana Allah, sindanababwira ko nzi ibinyegejwe ibiremwa, canke ko ndi umumalayika; vyongeye sinorota mbwira abo musuzugura mu bemeramana, ko Imana Allah Itazobahembera ivyiza bakora; burya Imana Allah, ni Yo Izi gusumba ibiri mu mishaha yabo; ndamutse rero ndabikoze ukwo, muri ico gihe noba ndi mu barenganya”. info
التفاسير: