《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。

external-link copy
148 : 7

وَٱتَّخَذَ قَوۡمُ مُوسَىٰ مِنۢ بَعۡدِهِۦ مِنۡ حُلِيِّهِمۡ عِجۡلٗا جَسَدٗا لَّهُۥ خُوَارٌۚ أَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّهُۥ لَا يُكَلِّمُهُمۡ وَلَا يَهۡدِيهِمۡ سَبِيلًاۘ ٱتَّخَذُوهُ وَكَانُواْ ظَٰلِمِينَ

Inyuma y’aho Musa agiriye kuvugana n’Imana Allah, abantu biwe bafashe igishusho c’ishashi y’inka cabumbwe mu nzahabu n'uwitwa Al-Saamiriy, umuyaga wahuhuta kikamoka nk’inka, baraheza bakigira ikigirwamana baragisenga. Mbega ntibamenye ko ico gishusho c’ishashi y’inka kidashoboye kubavugisha, vyongeye kitanashoboye no kubarongora mu nzira nziza! Barahejeje rero bakigira ikigirwamana, bari no mu birenganije mu gusenga ikitari Imana Allah. info
التفاسير: