《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。

Al-A'raaf

external-link copy
1 : 7

الٓمٓصٓ

Alif laam Miim Swaad[1]. info

[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 7

كِتَٰبٌ أُنزِلَ إِلَيۡكَ فَلَا يَكُن فِي صَدۡرِكَ حَرَجٞ مِّنۡهُ لِتُنذِرَ بِهِۦ وَذِكۡرَىٰ لِلۡمُؤۡمِنِينَ

Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani, ni Igitabu wahishuriwe. Ntukagire rero amakenga mu mushaha wawe ko wakimanuriwe n’Imana Allah; kugira ugabishe abagarariji wongere wibutse abemeramana. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 7

ٱتَّبِعُواْ مَآ أُنزِلَ إِلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُمۡ وَلَا تَتَّبِعُواْ مِن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَۗ قَلِيلٗا مَّا تَذَكَّرُونَ

Bantu! Nimukurikire ivyo mwamanuriwe n’Imana yanyu Rurema Allah, muheze mwubahirize amabwirizwa ari muri Qor’ani no mu nyigisho z’intumwa, ntimuzokurikire ikitari Imana Allah mu bahagarikizi nka shetani n’abandi batwarwa n'ivyipfuzo vyabo, ni gake rero mwibuka ngo mugaruke ku kuri. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 7

وَكَم مِّن قَرۡيَةٍ أَهۡلَكۡنَٰهَا فَجَآءَهَا بَأۡسُنَا بَيَٰتًا أَوۡ هُمۡ قَآئِلُونَ

Hari uducimbiri twinshi Twebwe Allah Twahoneje abatubamwo kubera uguhakana no guca kubiri n’Intumwa zacu, baraheza baruhira kumaramara kw’isi n’agasuzuguro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Muri bo, hari abashikiwe n’ibihano vyacu mu gihe bari baryamye mw’ijoro, hari n’abo vyashikiye mu gihe bari bakitse urubavu baruhutse ku murango[2]; info

[2] Imana Allah Yavuze canecane ibi bihe bibiri, igihe baryamye mw’ijoro n’igihe baruhutse ku murango, kuko ibihano bishikira umuntu muri ivyo bihe vyo guturura no kuruhuka, bibabaza cane bigatera n'agahinda.

التفاسير:

external-link copy
5 : 7

فَمَا كَانَ دَعۡوَىٰهُمۡ إِذۡ جَآءَهُم بَأۡسُنَآ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ

Nta co bavuze igihe bashikirwa n’ivyo bihano kiretse ukwemanga bati: “Mu vy’ukuri, twarirenganije mu gucumura, ibihano turabikwiye koko”. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 7

فَلَنَسۡـَٔلَنَّ ٱلَّذِينَ أُرۡسِلَ إِلَيۡهِمۡ وَلَنَسۡـَٔلَنَّ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Kubera ivyo rero, ni ukuri Twebwe Allah Tuzobaza imigwi y’abarungikiwe Intumwa, ko yazitabiriye! Ni ukuri, Tuzobaza n’Intumwa nyene, ko zashikirije ubutumwa n’ukuntu zitabiriwe! info
التفاسير:

external-link copy
7 : 7

فَلَنَقُصَّنَّ عَلَيۡهِم بِعِلۡمٖۖ وَمَا كُنَّا غَآئِبِينَ

Tuzoheza rero Tubwire ibiremwa ido n'ido y’ivyo bakoze, Twisunze ubumenyi Dufise ku vyo bakoze vyose mu kwubahiriza amabwirizwa yacu; kira noneho, ntitwigeze Tuba kure yabo mu bihe vyose; info
التفاسير:

external-link copy
8 : 7

وَٱلۡوَزۡنُ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡحَقُّۚ فَمَن ثَقُلَتۡ مَوَٰزِينُهُۥ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ

Ugupimwa kw’ibikorwa vy’ibiremwa ku musi w’izuka, kuzogirwa ku munzane w’ukuri utarenganya namba. Uwo wese rero ibikorwa vyiwe vyiza bizoremera ku munzane, azoba rero ari mu bantu baronse intsinzi y'Ubwami bw'ijuru; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 7

وَمَنۡ خَفَّتۡ مَوَٰزِينُهُۥ فَأُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُم بِمَا كَانُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يَظۡلِمُونَ

Nayo uwo ibikorwa vyiwe vyiza bizoba bihwahutse ku munzane, uyo rero azoba ari mu bantu bahomvye ubuzima bwabo ku kurenga ku mabwirizwa, no guhakana Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 7

وَلَقَدۡ مَكَّنَّٰكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَجَعَلۡنَا لَكُمۡ فِيهَا مَعَٰيِشَۗ قَلِيلٗا مَّا تَشۡكُرُونَ

Bantu! Ni ukuri, Twarabatsimbataje kw’isi muraturura, Tubaha n’uburyo bwo kubaho mu mfungurwa n’ibinyobwa; hamwe n’ivyo rero, ni gake cane mushima inema z’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 7

وَلَقَدۡ خَلَقۡنَٰكُمۡ ثُمَّ صَوَّرۡنَٰكُمۡ ثُمَّ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ لَمۡ يَكُن مِّنَ ٱلسَّٰجِدِينَ

Ni ukuri, Twarabaremeye inkomoko-muntu mu kurema so wanyu Adamu, Turaheza Tubaha n’ishusho ryiwe ryiza mu kurondoka, hanyuma Tubwiriza abamalayika Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, baraheza baragamburuka baramwubamira bose. Ariko Ibilisi[3] yari asanzwe ari kumwe na bo, ntiyari mu bubamiye Adamu ku kumusharika kuri ico cubahiro ahawe. info

[3] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu majini rero, harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).

التفاسير: