Ntumwa y’Imana! Ntiwamenye ko mu vy’ukuri, Imana Allah Yubamirwa n’abamalayika bari mu majuru hamwe n’ibiremwa biri mw’isi, Ikubamirwa n’izuba, ukwezi, inyenyeri, imisozi, ibiti hamwe n’ibindi biremwa bigendagenda kw’isi, Ikubamirwa kandi na benshi mu bemeramana mu bantu! Hari n’abandi benshi mu bantu rero bamaze kwagirwa n’ibihano bisuzuguza. Uwo wese rero azosuzuguzwa n’Imana Allah, ntuzomuronkera n’umwe yomuhesha icubahiro. Mu vy’ukuri Imana Allah, Ikora ivyo Ishatse ku biremwa vyayo ku ntumbero nziza ibifiseko.
Hari imigwi ibiri yashamiranye ku bijanye n’Imana yayo Rurema Allah; umugwi w’abemeramana n’uw’abagarariji, umugwi wose muri yo ukibwira ko ari wo uri mu kuri. Burya rero, abagarariji bazokwugarizwa n’ibihano vy’ukwambikwa impuzu zihinguwe mu muriro, baheze basukwe ku mutwe amazi yasebuye akaryimara;
التفاسير:
20:22
يُصۡهَرُ بِهِۦ مَا فِي بُطُونِهِمۡ وَٱلۡجُلُودُ
Maze nya mazi aturire ibiri mu nda hamwe n’uruhu rw’umubiri;
Mu vy’ukuri Imana Allah, Izokwinjiza abayemeye bakemera n’Intumwa yayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe, mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Muri nya Bwami, bazoberwa n’ukwambikwa imiringa y’inzahabu n’ilulu[1], abagabo co kimwe n’abagore bazoba bambaye n’impuzu za misi yose zishonywe mw’iharire;
[1] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.