《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。

页码:close

external-link copy
6 : 22

ذَٰلِكَ بِأَنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلۡحَقُّ وَأَنَّهُۥ يُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَأَنَّهُۥ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ

Muri ivyo vyose vyadondaguwe rero, harimwo ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Yo Mana y’ukuri Ikwiye gusengwa, Ishoboye no gusubiza ubuzima abapfuye Ikabazura, n’uko ari Yo Mushoboravyose; info
التفاسير:

external-link copy
7 : 22

وَأَنَّ ٱلسَّاعَةَ ءَاتِيَةٞ لَّا رَيۡبَ فِيهَا وَأَنَّ ٱللَّهَ يَبۡعَثُ مَن فِي ٱلۡقُبُورِ

Nya vyemezo birerekana kandi ko isango ry’umuhero w’isi rigiye gushika ata gisivya, n’uko Imana Allah Izozura abapfuye kugira Ibaharurire, Iheze Ibahembere ivyo bakoze. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 22

وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يُجَٰدِلُ فِي ٱللَّهِ بِغَيۡرِ عِلۡمٖ وَلَا هُدٗى وَلَا كِتَٰبٖ مُّنِيرٖ

Mu ndongozi z’abagarariji mu bantu rero, harimwo uwuharira ku bijanye n’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’imanurwa rya Qor’ani, agaharira kuri ivyo ata n’ubumenyi abifiseko, ata n’uburongozi, eka ata n’ivyemezo bitomoye yisunga biri mu Gitabu kivuye ku Mana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 22

ثَانِيَ عِطۡفِهِۦ لِيُضِلَّ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۖ لَهُۥ فِي ٱلدُّنۡيَا خِزۡيٞۖ وَنُذِيقُهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ عَذَابَ ٱلۡحَرِيقِ

Agakebanya izosi ku manyama yirengagiza ukuri, kugira aburagize abantu kwinjira mw’idini ry’Imana Allah. Uyo rero yaragenewe guteterwa kw’isi igihe ikinyoma camutekurukanye, kandi Twebwe Allah Tuzonamuhonja ibihano mu muriro ku musi w’izuka; info
التفاسير:

external-link copy
10 : 22

ذَٰلِكَ بِمَا قَدَّمَتۡ يَدَاكَ وَأَنَّ ٱللَّهَ لَيۡسَ بِظَلَّٰمٖ لِّلۡعَبِيدِ

Azobwirwa ati: “Ivyo bihano wahawe, vyatewe n’ivyaha wakoze kw’isi, n’uko rero Imana Allah Itigera Irenganya n’umwe mu biremwa, mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha; n’aho koba akantu kangana n’inzatsa Izokamuhembera”. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 22

وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يَعۡبُدُ ٱللَّهَ عَلَىٰ حَرۡفٖۖ فَإِنۡ أَصَابَهُۥ خَيۡرٌ ٱطۡمَأَنَّ بِهِۦۖ وَإِنۡ أَصَابَتۡهُ فِتۡنَةٌ ٱنقَلَبَ عَلَىٰ وَجۡهِهِۦ خَسِرَ ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةَۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡخُسۡرَانُ ٱلۡمُبِينُ

Burya mu bantu, harimwo uwinjirana amakenga mu bwislamu, agoyagoya mu kwemera kwiwe, maze agasenga Imana Allah yijijanya imitima nk’uwuhagaze ku nkengera y’imanga ahakwa guhenukirayo, akizera ivyo yemera yisunze amaronko y’ivy’isi. Iyo aroraniwe mu buzima, araheza agashishikara gusenga; iyo naho ageragejwe mu gushikirwa n’amagorwa, aca yisubirako akidodomba ko ata ciza yigeze abona mu kwemera kwiwe. Uyo rero yarahomvye mu buzima bwo kw’isi, kuko ukwidodomba kwiwe ata co guhindura ku vyagezwe kuri we; vyongeye, yarahomvye no mu buzima bwiwe bw’inyuma yo gupfa, kuko azotabwa mu muriro. Ukwo rero, ni kwo guhomba nya guhomba; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 22

يَدۡعُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَضُرُّهُۥ وَمَا لَا يَنفَعُهُۥۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلضَّلَٰلُ ٱلۡبَعِيدُ

Uyo yahomvye mu buzima bw’inyuma yo gupfa, araheza agasenga mu gishingo c’Imana Allah ikintu ata co kimwicira mu gihe yoreka kugisenga, eka ata n’ico kimumarira mu gihe yogisenga. Ukwo rero, ni kwo guhuba kuri kure cane y’ukuri; info
التفاسير:

external-link copy
13 : 22

يَدۡعُواْ لَمَن ضَرُّهُۥٓ أَقۡرَبُ مِن نَّفۡعِهِۦۚ لَبِئۡسَ ٱلۡمَوۡلَىٰ وَلَبِئۡسَ ٱلۡعَشِيرُ

Asenga ikintu amabi yaco kuri we ari yo menshi cane gusumba ivyiza vyaco. Igisengwa rero muri ubwo buryo, kiba ari umutabazi mubi cane, kiba ari na wo muryango mubi cane. info
التفاسير:

external-link copy
14 : 22

إِنَّ ٱللَّهَ يُدۡخِلُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَفۡعَلُ مَا يُرِيدُ

Mu vy’ukuri Imana Allah, Izokwinjiza abayemeye bakemera n’Intumwa yayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe, mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Ikora ivyo Ishatse mu gutera iteka abagororotsi ku butore bwayo, no mu guhana abanyavyaha ku butungane bwayo. info
التفاسير:

external-link copy
15 : 22

مَن كَانَ يَظُنُّ أَن لَّن يَنصُرَهُ ٱللَّهُ فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِ فَلۡيَمۡدُدۡ بِسَبَبٍ إِلَى ٱلسَّمَآءِ ثُمَّ لۡيَقۡطَعۡ فَلۡيَنظُرۡ هَلۡ يُذۡهِبَنَّ كَيۡدُهُۥ مَا يَغِيظُ

Uwibwira ko Imana Allah Itazoshikana ku ntsinzi Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), maze idini ryayo rigatsinda kw’isi, Ikanamuha icubahiro nta ngere mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Igaheza Igahana n’abamuhakana bivuye inyuma, aramanika rero umugozi ku rusenge aheze yimanike, hanyuma atanguye gusambagirika ace nya mugozi, mu nyuma aheze arabe ko ishavu afise ritewe n’uko Imana Allah Ishikanye ku ntsinzi Intumwa yayo, ryohera! info
التفاسير: