Қуръони Карим маъноларининг таржимаси - Кирунди тили таржимаси - Юсуф Ғҳейти

An-Naba-i

external-link copy
1 : 78

عَمَّ يَتَسَآءَلُونَ

Ababangikanyamana, babazanya ku nkuru nyabaki? info
التفاسير:

external-link copy
2 : 78

عَنِ ٱلنَّبَإِ ٱلۡعَظِيمِ

Babazanya ku nkuru ihambaye y’umusi w’izuka ry’ibiremwa, ivugwa muri Qor’ani ntagatifu; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 78

ٱلَّذِي هُمۡ فِيهِ مُخۡتَلِفُونَ

Ari yo badahurizako bigatuma bayihakana bivuye inyuma. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 78

كَلَّا سَيَعۡلَمُونَ

Nibateshwe bate, barahumba! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kw’iyo nkuru igihe babonye inkurikizi z’igarariza ryabo ku musi w’izuka. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 78

ثُمَّ كَلَّا سَيَعۡلَمُونَ

Eka, nibateshwe bate, barahumba! Kandi nibageze aho uguhakana! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kwa Qor’ani n’ukw’izuka rivugwa muri yo. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 78

أَلَمۡ نَجۡعَلِ ٱلۡأَرۡضَ مِهَٰدٗا

Mbega Twebwe Allah, ntitwagize isi nk’isaso! info
التفاسير:

external-link copy
7 : 78

وَٱلۡجِبَالَ أَوۡتَادٗا

Tugira n’imisozi nk’imambo ziyigumya! info
التفاسير:

external-link copy
8 : 78

وَخَلَقۡنَٰكُمۡ أَزۡوَٰجٗا

Tubaremamwo imigwi ibiri; igitsina-gabo n’igitsina-gore! info
التفاسير:

external-link copy
9 : 78

وَجَعَلۡنَا نَوۡمَكُمۡ سُبَاتٗا

Tugira n’itiro ryanyu kuba uburuhuro bw’umubiri n’umutima! info
التفاسير:

external-link copy
10 : 78

وَجَعَلۡنَا ٱلَّيۡلَ لِبَاسٗا

Tugira n’ijoro kuba nk’impuzu ipfuka umubiri, iyo umwijima waryo ubanyegeje! info
التفاسير:

external-link copy
11 : 78

وَجَعَلۡنَا ٱلنَّهَارَ مَعَاشٗا

Tugira n’umurango kuba umwanya wo kurondera ikibabeshaho! info
التفاسير:

external-link copy
12 : 78

وَبَنَيۡنَا فَوۡقَكُمۡ سَبۡعٗا شِدَادٗا

Twubaka n’amajuru indwi akomakomeye mu kirere hejuru yanyu! info
التفاسير:

external-link copy
13 : 78

وَجَعَلۡنَا سِرَاجٗا وَهَّاجٗا

Tugira n’izuba riba nk’itara ribasusurutsa! info
التفاسير:

external-link copy
14 : 78

وَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلۡمُعۡصِرَٰتِ مَآءٗ ثَجَّاجٗا

Tumanura n’amazi menshi y’imvura ava mu bicu; info
التفاسير:

external-link copy
15 : 78

لِّنُخۡرِجَ بِهِۦ حَبّٗا وَنَبَاتٗا

Kugira Tuyanagishe imbuto zifungurwa n’abantu, n’ivyatsi birishwa n’ibikoko; info
التفاسير:

external-link copy
16 : 78

وَجَنَّٰتٍ أَلۡفَافًا

N’amashamba atotahaye, arimwo ibiti vy’amashami azitanye. info
التفاسير:

external-link copy
17 : 78

إِنَّ يَوۡمَ ٱلۡفَصۡلِ كَانَ مِيقَٰتٗا

Mu vy’ukuri, umusi w’izuka wo gutunganiriza ibiremwa urafise isango ntarengwa; info
التفاسير:

external-link copy
18 : 78

يَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِ فَتَأۡتُونَ أَفۡوَاجٗا

Ni umusi hazovuzwa inzamba igira kabiri, mugaca muzuka mu migwimigwi[1]; info

[1] Umugwi wose w’abantu, uzoza uri kumwe n’indongozi yawo mu Ntumwa.

التفاسير:

external-link copy
19 : 78

وَفُتِحَتِ ٱلسَّمَآءُ فَكَانَتۡ أَبۡوَٰبٗا

Amajuru na yo akugururwa, akagira imiryango myinshi; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 78

وَسُيِّرَتِ ٱلۡجِبَالُ فَكَانَتۡ سَرَابًا

Imisozi na yo igakurwaho, ikaba icirungu[2]. info

[2] Icirungu, ni kurya kuntu ubona ibuheramaso nk’uko hoba hari amazi, ariko wamara kuhagera ntuhasange nya mazi.

التفاسير:

external-link copy
21 : 78

إِنَّ جَهَنَّمَ كَانَتۡ مِرۡصَادٗا

Mu vy’ukuri umuriro wa Jahannamu kuri uwo musi, ni uburerekero bw’abahakanyi; info
التفاسير:

external-link copy
22 : 78

لِّلطَّٰغِينَ مَـَٔابٗا

Ku barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, ni bwo buruhukiro bwabo; info
التفاسير:

external-link copy
23 : 78

لَّٰبِثِينَ فِيهَآ أَحۡقَابٗا

Bazowubamwo ibihe n’ibihe bidahera. info
التفاسير:

external-link copy
24 : 78

لَّا يَذُوقُونَ فِيهَا بَرۡدٗا وَلَا شَرَابًا

Nta mbeho bazokwumvamwo ngo basame akayaga, eka nta n’ikinyobwa bazohabwa ngo bice inyota; info
التفاسير:

external-link copy
25 : 78

إِلَّا حَمِيمٗا وَغَسَّاقٗا

Atari amazi yasebuye akaryimara, urwuya hamwe n’amashira bitemba biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro udahera. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 78

جَزَآءٗ وِفَاقًا

Iyo, ni yo mpembo ikwiranye n’ivyo bakoze. info
التفاسير:

external-link copy
27 : 78

إِنَّهُمۡ كَانُواْ لَا يَرۡجُونَ حِسَابٗا

Mu vy’ukuri, ntibigeze batinya umusi w’iharurirwa ngo bawitegurire; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 78

وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا كِذَّابٗا

Baraheza barahakana bivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah, Twarungikanye Intumwa. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 78

وَكُلَّ شَيۡءٍ أَحۡصَيۡنَٰهُ كِتَٰبٗا

Ibintu vyose rero, Twarabibungabunze mu kuvyandika mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 78

فَذُوقُواْ فَلَن نَّزِيدَكُمۡ إِلَّا عَذَابًا

Kubera ivyo rero bagarariji, nimwumvirize indishi y’ivyo mwakoze. Nta n’ico Tuzobongererako atari ibihano ku bindi. info
التفاسير: