Қуръони Карим маъноларининг таржимаси - Кирунди тили таржимаси - Юсуф Ғҳейти

external-link copy
71 : 6

قُلۡ أَنَدۡعُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُنَا وَلَا يَضُرُّنَا وَنُرَدُّ عَلَىٰٓ أَعۡقَابِنَا بَعۡدَ إِذۡ هَدَىٰنَا ٱللَّهُ كَٱلَّذِي ٱسۡتَهۡوَتۡهُ ٱلشَّيَٰطِينُ فِي ٱلۡأَرۡضِ حَيۡرَانَ لَهُۥٓ أَصۡحَٰبٞ يَدۡعُونَهُۥٓ إِلَى ٱلۡهُدَى ٱئۡتِنَاۗ قُلۡ إِنَّ هُدَى ٱللَّهِ هُوَ ٱلۡهُدَىٰۖ وَأُمِرۡنَا لِنُسۡلِمَ لِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega none twiyegereze mu gusenga mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata co vyotumarira mu gihe twobisenga, ata n’ico vyotwicira mu gihe tworeka kubisenga, gutyo dusubire mu bugarariji inyuma y’aho Imana Allah Iturongoreye mu bwislamu, duce tuba nk’uwohejwe n’amashetani akazimira inzira, kandi ari kumwe n’abagenzi b’abanyabwenge bemera bamuzimurura bamugarura mu nzira ishika bati: “Ingo nyabuna dufadikanye inzira”, hanyuma akanka kuzimururwa!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, uburongozi bw’Imana Allah Yandungikanye, ni bwo burongozi nyabwo, twaranategetswe twese kwicisha bugufi ku Mubungabunzi w’ibiremwa vyose mu kwiyegereza Imana Allah mu vyo dukora vyose tunayisenge tutayibangikanya”; info
التفاسير: