Қуръони Карим маъноларининг таржимаси - Кирунди тили таржимаси - Юсуф Ғҳейти

external-link copy
256 : 2

لَآ إِكۡرَاهَ فِي ٱلدِّينِۖ قَد تَّبَيَّنَ ٱلرُّشۡدُ مِنَ ٱلۡغَيِّۚ فَمَن يَكۡفُرۡ بِٱلطَّٰغُوتِ وَيُؤۡمِنۢ بِٱللَّهِ فَقَدِ ٱسۡتَمۡسَكَ بِٱلۡعُرۡوَةِ ٱلۡوُثۡقَىٰ لَا ٱنفِصَامَ لَهَاۗ وَٱللَّهُ سَمِيعٌ عَلِيمٌ

Nta winjira mw’idini ry’ubwislamu ku gahato, kuko ryikwije kandi ritomoye, ukuri n’uburongozi biratomoye kuruta ikinyoma n’uguhuba. Uwugararije ibigirwamana vyo mu bwoko bwose[52] agaheza akemera Imana Allah, ni ukuri nta nkeka ko aba afashe ipfundo ry’idini ritigera ripfunduruka. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’abaja bayo; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana, kandi Izobibahembera. info

[52] Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.

التفاسير: