Қуръони Карим маъноларининг таржимаси - Кирунди тили таржимаси - Юсуф Ғҳейти

external-link copy
223 : 2

نِسَآؤُكُمۡ حَرۡثٞ لَّكُمۡ فَأۡتُواْ حَرۡثَكُمۡ أَنَّىٰ شِئۡتُمۡۖ وَقَدِّمُواْ لِأَنفُسِكُمۡۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّكُم مُّلَٰقُوهُۗ وَبَشِّرِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Abakenyezi banyu ni zo ndimiro zanyu muteramwo intanga hakavuka abana. Kubera ivyo rero, nimurangurane n’abakenyezi banyu amabanga y’abubatse ahategetswe mu buryo bwose mwipfuza, munakore ibikorwa vyiza bitegetswe ku neza yanyu. Kandi rero mugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze mumenye ko muzohura na Yo ku musi w’izuka Ikabahembera ivyo mwakoze. Muvugishwamana! Kubera ivyo rero, shikiriza abemeramana inkuru nziza ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru. info
التفاسير: