[8] Abayahudi, ni abemeye Musa bakanamukurikira. Ijambo “abayahudi”, risigura abigaye ku Mana Allah.
[9] Abanaswara, ni abemeye Isa mwene Mariyamu bakamukurikira bakanamutabara. Ijambo “abanaswara”, risugura abatabazi.
[10] Inyuma y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku bantu bose, nta dini ryemewe ku Mana Allah atari idini ry’ubwislamu yaje ishimangira kuko ari ryo dini Imana Allah Yarungikanye Intumwa zose, rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah.