Қуръони Карим маъноларининг таржимаси - Кирунди тили таржимаси - Юсуф Ғҳейти

Бет рақами:close

external-link copy
43 : 14

مُهۡطِعِينَ مُقۡنِعِي رُءُوسِهِمۡ لَا يَرۡتَدُّ إِلَيۡهِمۡ طَرۡفُهُمۡۖ وَأَفۡـِٔدَتُهُمۡ هَوَآءٞ

Igihe bazutse bataraba hasi, bihutira kuja guharurirwa, badakoma n’akagohe, umutima wabavuyemwo kubera ubwoba. info
التفاسير:

external-link copy
44 : 14

وَأَنذِرِ ٱلنَّاسَ يَوۡمَ يَأۡتِيهِمُ ٱلۡعَذَابُ فَيَقُولُ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ رَبَّنَآ أَخِّرۡنَآ إِلَىٰٓ أَجَلٖ قَرِيبٖ نُّجِبۡ دَعۡوَتَكَ وَنَتَّبِعِ ٱلرُّسُلَۗ أَوَلَمۡ تَكُونُوٓاْ أَقۡسَمۡتُم مِّن قَبۡلُ مَا لَكُم مِّن زَوَالٖ

Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu warungitsweko ku bihano vy’umusi w’izuka! Abirenganije mu kugarariza, uwo musi bazovuga batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dutenyenyere akanya na gato, duheze tukwemere twumvire n’Intumwa zawe”. Bazokwishurwa n’agashinyaguro n'akantu bati: “Mbega ntimwari mwararahiye mukiri kw’isi ko ubuzima bwo kw’isi butazobaherana, n’uko ata zuka ribaho!; info
التفاسير:

external-link copy
45 : 14

وَسَكَنتُمۡ فِي مَسَٰكِنِ ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ وَتَبَيَّنَ لَكُمۡ كَيۡفَ فَعَلۡنَا بِهِمۡ وَضَرَبۡنَا لَكُمُ ٱلۡأَمۡثَالَ

Muraheza mucumbika mu mazu mwasigiwe n’abirenganije aho hambere yanyu[12], kandi mwaramenye ukuntu Twabahoneje, Twaranabahaye uburorero butomoye muri Qor’ani, ntimwaheza ngo mwikebuke!”. info

[12] Nk’abarungikiwe Intumwa Huudi n’Intumwa Swalehe (za nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

التفاسير:

external-link copy
46 : 14

وَقَدۡ مَكَرُواْ مَكۡرَهُمۡ وَعِندَ ٱللَّهِ مَكۡرُهُمۡ وَإِن كَانَ مَكۡرُهُمۡ لِتَزُولَ مِنۡهُ ٱلۡجِبَالُ

Ababangikanyamana barateze umutego wo kwica Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi Imana Allah Yari Izi umutego bateze Intumwa yayo, maze Irawutegura; kanatsinda, nya mutego wabo nta n’imisozi wari gusenyura kuko ata co wabashikanyeko. info
التفاسير:

external-link copy
47 : 14

فَلَا تَحۡسَبَنَّ ٱللَّهَ مُخۡلِفَ وَعۡدِهِۦ رُسُلَهُۥٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٞ ذُو ٱنتِقَامٖ

Ntumwa y’Imana! Ntukiyumvire ko Imana Allah Ica kubiri n’isezerano Yahaye Intumwa zayo, ryo kuzishikana ku ntsinzi no guhonya abazihakana. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Izokwihora bikwiye abansi ku musi w’izuka[13]; info

[13] Iyi Aayah, n’aho itumbereye Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ariko inyigisho irimwo iraba abislamu bose.

التفاسير:

external-link copy
48 : 14

يَوۡمَ تُبَدَّلُ ٱلۡأَرۡضُ غَيۡرَ ٱلۡأَرۡضِ وَٱلسَّمَٰوَٰتُۖ وَبَرَزُواْ لِلَّهِ ٱلۡوَٰحِدِ ٱلۡقَهَّارِ

Umusi isi izosubirizwa iyindi si yera nk’umwakaka, n’amajuru agasubirizwa ayandi majuru, maze ibiremwa vyose bigasokoroka mu kuzimu bidora, bikarenguka imbere y’Imana Allah, Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere; info
التفاسير:

external-link copy
49 : 14

وَتَرَى ٱلۡمُجۡرِمِينَ يَوۡمَئِذٖ مُّقَرَّنِينَ فِي ٱلۡأَصۡفَادِ

Kuri uwo musi, Uzobona abanyavyaha baboheshejwe iminyororo ku maboko n’amaguru; info
التفاسير:

external-link copy
50 : 14

سَرَابِيلُهُم مِّن قَطِرَانٖ وَتَغۡشَىٰ وُجُوهَهُمُ ٱلنَّارُ

Inyambaro zabo zizoba zihinguwe mu cuma kirurumba, umuriro na wo ubababure mu maso; info
التفاسير:

external-link copy
51 : 14

لِيَجۡزِيَ ٱللَّهُ كُلَّ نَفۡسٖ مَّا كَسَبَتۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ سَرِيعُ ٱلۡحِسَابِ

Ivyo bizoba ukwo, kugira Imana Allah Ihembere umuntu wese ku vyo yakoze kw’isi, vyaba ivyiza canke ibibi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Iranyarutsa mu guharurira ibiremwa. info
التفاسير:

external-link copy
52 : 14

هَٰذَا بَلَٰغٞ لِّلنَّاسِ وَلِيُنذَرُواْ بِهِۦ وَلِيَعۡلَمُوٓاْ أَنَّمَا هُوَ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞ وَلِيَذَّكَّرَ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ

Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani Twakumanuriye rero, ni ubutumwa bwibutsa abantu bose, bubagabisha ku bihano vy’Imana Allah, kugira bamenye mu vy’ukuri ko Imana Allah ari Imwe Rudende Itabangikanywa, no kugira abanyabwenge bibuke, maze bikebuke. info
التفاسير: