قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - کیرونڈی ترجمہ - یوسف گھیٹی

صفحہ نمبر:close

external-link copy
120 : 2

وَلَن تَرۡضَىٰ عَنكَ ٱلۡيَهُودُ وَلَا ٱلنَّصَٰرَىٰ حَتَّىٰ تَتَّبِعَ مِلَّتَهُمۡۗ قُلۡ إِنَّ هُدَى ٱللَّهِ هُوَ ٱلۡهُدَىٰۗ وَلَئِنِ ٱتَّبَعۡتَ أَهۡوَآءَهُم بَعۡدَ ٱلَّذِي جَآءَكَ مِنَ ٱلۡعِلۡمِ مَا لَكَ مِنَ ٱللَّهِ مِن وَلِيّٖ وَلَا نَصِيرٍ

Ntumwa y’Imana! Abayahudi n’abanaswara ntibazokwigera bakwishimira namba, kiretse hamwe wokurikira idini ryabo ukavavanura n’idini ryawe ry’ubwislamu. Babwire uti: “Uburongozi bw’Imana Allah muri Qor’ani ni bwo burongozi bw’idini ry’ukuri”. Niwahirahira rero ugakurikira ivyipfuzo vyabo kandi waramaze guhishurirwa Qor’ani, nta muhagarikizi n’umwe uzoronka agukura mu bihano vy’Imana Allah, eka mbere nta n’uwogutabara mu kugukingira nya bihano uzoronka[15]. info

[15] Iyi ngingo n’aho yavuzwe itumberejwe ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imama Allah), iraba n’abo yarungitsweko.

التفاسير:

external-link copy
121 : 2

ٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَتۡلُونَهُۥ حَقَّ تِلَاوَتِهِۦٓ أُوْلَٰٓئِكَ يُؤۡمِنُونَ بِهِۦۗ وَمَن يَكۡفُرۡ بِهِۦ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ

Abayahudi n’abanaswara Twahaye Igitabu bakagisoma ukuri kwo kugisoma, bakagikurikiza uko bitegetswe ata co bahinduye mu kwemera Intumwa zose, ata n’ico bongeyemwo, abo ni bo bemera vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakemera n’ivyo yahishuriwe. Nayo abahindagura canke bakanyegeza ibiri muri nya Gitabu, abo ni bo bagarariza iyo Ntumwa hamwe n’ivyo yahishuriwe. Abo rero ni bo bahomvye ubuzima bwabo bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
122 : 2

يَٰبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱذۡكُرُواْ نِعۡمَتِيَ ٱلَّتِيٓ أَنۡعَمۡتُ عَلَيۡكُمۡ وَأَنِّي فَضَّلۡتُكُمۡ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ

Emwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwongere mwibuke ko mu gihe canyu Nabateye iteka gusumba abandi, mu kurungikwa muri mwebwe Abavugishwamana benshi no guhabwa Ibitabu vya Tawurati n’Injili; info
التفاسير:

external-link copy
123 : 2

وَٱتَّقُواْ يَوۡمٗا لَّا تَجۡزِي نَفۡسٌ عَن نَّفۡسٖ شَيۡـٔٗا وَلَا يُقۡبَلُ مِنۡهَا عَدۡلٞ وَلَا تَنفَعُهَا شَفَٰعَةٞ وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ

Maze mwikingire ibihano vyo ku musi w’izurwa ry’ibiremwa, aho umuntu ata co azomarira uwundi, nta n’ico kwigomboza mu bihano azokwemererwa gutanga, n’aho yotanga amatungo y’isi yose, eka mbere nta n’ivugirwa rizogira ico rimumariye, eka mbere bobo ntibazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano. info
التفاسير:

external-link copy
124 : 2

۞ وَإِذِ ٱبۡتَلَىٰٓ إِبۡرَٰهِـۧمَ رَبُّهُۥ بِكَلِمَٰتٖ فَأَتَمَّهُنَّۖ قَالَ إِنِّي جَاعِلُكَ لِلنَّاسِ إِمَامٗاۖ قَالَ وَمِن ذُرِّيَّتِيۖ قَالَ لَا يَنَالُ عَهۡدِي ٱلظَّٰلِمِينَ

Muvugishwamana! Ibuka igihe Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yageragezwa n’Imana yiwe Rurema Allah, Ikamuha amabwirizwa, maze na we arayubahiriza vy’ukuri nk’uko yayahawe. Ni ho rero Imana Yamubwira Iti: “Ngira Ndakugire indongozi y’akarorero ku bantu bose mu kwemera”. Na we aca asaba ati: “No mu ruvyaro rwanje nyene Uragiramwo indongozi”. Imana Allah Imwishura Iti: “Iri sezerano ryanje ryo kuba indongozi mu kwemera, ntirizoshikira abirenganya”. info
التفاسير:

external-link copy
125 : 2

وَإِذۡ جَعَلۡنَا ٱلۡبَيۡتَ مَثَابَةٗ لِّلنَّاسِ وَأَمۡنٗا وَٱتَّخِذُواْ مِن مَّقَامِ إِبۡرَٰهِـۧمَ مُصَلّٗىۖ وَعَهِدۡنَآ إِلَىٰٓ إِبۡرَٰهِـۧمَ وَإِسۡمَٰعِيلَ أَن طَهِّرَا بَيۡتِيَ لِلطَّآئِفِينَ وَٱلۡعَٰكِفِينَ وَٱلرُّكَّعِ ٱلسُّجُودِ

Muvugishwamana! Ibuka n’igihe Twagira ingoro ntagatifu “Al-Ka’ba” ahantu abantu bahurumbira ata kudebukirwa, barondera indishi mu gihe c’ishengerera n’igendera ry’iyo ngoro, batekanye batekaniwe. Maze Tubabwiriza Duti: “Muragira rero ubuhagararo bw’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) aho gusengera”. Twaranahishuriye Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), maze Tumutegeka we hamwe n’umuhungu wiwe Ismayili Duti: “Nimusukure ingoro yanje ntagatifu ntirangwemwo n’igihumanya na kimwe, ubukozi bw’ikibi n’ibigirwamana, kugira ngo hakikurwe n’abakikura, abaje kwiyegurira Imana Allah, hamwe rero n’abasenga bunama bubama”. info
التفاسير:

external-link copy
126 : 2

وَإِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِـۧمُ رَبِّ ٱجۡعَلۡ هَٰذَا بَلَدًا ءَامِنٗا وَٱرۡزُقۡ أَهۡلَهُۥ مِنَ ٱلثَّمَرَٰتِ مَنۡ ءَامَنَ مِنۡهُم بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۚ قَالَ وَمَن كَفَرَ فَأُمَتِّعُهُۥ قَلِيلٗا ثُمَّ أَضۡطَرُّهُۥٓ إِلَىٰ عَذَابِ ٱلنَّارِۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ

Niwibuke kandi igihe Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yavuga asaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Ugire Makka igisagara gitekanye gitekaniwe, Wongere Uhe bene co ivyamwa bitandukanye, na canecane abemera gusa muri bo, Imana Allah n’umusi w’imperuka”. Maze Imana Allah Iramwishura Iti: “N’uwuzogarariza muri bo Nzomuhako, maze Ndamuhe kuryoherwa gato kw’isi, hanyuma Ndamukwegere mu bihano vy’umuriro. Ayo rero, ni yo maherezo mabi cane. info
التفاسير: