قۇرئان كەرىم مەنىلىرىنىڭ تەرجىمىسى - كىرۇندىچە تەرجىمىسى- يۇسۇف غەيىتى

Al-Baladi

external-link copy
1 : 90

لَآ أُقۡسِمُ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ

Jewe Allah, Ndarahiye kuri iki gisagara ceranda ca Makka! info
التفاسير:

external-link copy
2 : 90

وَأَنتَ حِلُّۢ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ

Kikaba ari na co wewe Intumwa Muhamadi urekuriwe gukoreramwo ico ushatse[1]. info

[1] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yarekuriwe gukorera mu gisagara ca Makka ico ishatse, harimwo n’indwano mu kiringo kitarenga isaha imwe ku mutaga. Iyi Aayah, irerekana ko Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), izokwigarurira ico gisagara habanje kuba indwano.

التفاسير:

external-link copy
3 : 90

وَوَالِدٖ وَمَا وَلَدَ

Ndarahiye kandi no ku kiremwa kivyara (ari co Adamu) n’ikivyarwa (mu rwaruka rwiwe)! info
التفاسير:

external-link copy
4 : 90

لَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ فِي كَبَدٍ

Ko mu vy’ukuri Twebwe Allah Twaremye, ikiremwa-muntu kizohura n’umuruho ku wundi kw’isi kugeza gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 90

أَيَحۡسَبُ أَن لَّن يَقۡدِرَ عَلَيۡهِ أَحَدٞ

Mbega umuntu kubera amatungo yegeranije, yibaza ko ata wuzoshobora kumugonda! info
التفاسير:

external-link copy
6 : 90

يَقُولُ أَهۡلَكۡتُ مَالٗا لُّبَدًا

Avuga yihaya ngo: “Naratanze amatungo menshi cane!”. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 90

أَيَحۡسَبُ أَن لَّمۡ يَرَهُۥٓ أَحَدٌ

Mbega, yibaza ko ata n’umwe amubona akazomuhera ku vyo yakoze, vyaba bike canke vyinshi! info
التفاسير:

external-link copy
8 : 90

أَلَمۡ نَجۡعَل لَّهُۥ عَيۡنَيۡنِ

Mbega, Twebwe Allah Ntitwamuhaye amaso abiri abonesha! info
التفاسير:

external-link copy
9 : 90

وَلِسَانٗا وَشَفَتَيۡنِ

Tumuha n’ururimi hamwe n’iminwa ibiri, kugira ashobore gutomora ijambo! info
التفاسير:

external-link copy
10 : 90

وَهَدَيۡنَٰهُ ٱلنَّجۡدَيۡنِ

Dutako Turamumenyesha Tumutomorera inzira zibiri, iy’iciza n’iy’ikibi, kugira ngo yihitiremwo! info
التفاسير:

external-link copy
11 : 90

فَلَا ٱقۡتَحَمَ ٱلۡعَقَبَةَ

Mbega, ubwo ntiyotanga amatungo yiwe akabona kuruhuka umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa! info
التفاسير:

external-link copy
12 : 90

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلۡعَقَبَةُ

Ni igiki cokumenyesha ico ari co umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa n’icowugukiza! info
التفاسير:

external-link copy
13 : 90

فَكُّ رَقَبَةٍ

Ni uguha umugurano w’umwemeramana ubwigenge; info
التفاسير:

external-link copy
14 : 90

أَوۡ إِطۡعَٰمٞ فِي يَوۡمٖ ذِي مَسۡغَبَةٖ

Canke ugufungurira mu gihe c’inzara izura inzara; info
التفاسير:

external-link copy
15 : 90

يَتِيمٗا ذَا مَقۡرَبَةٍ

Impfuvyi ya hafi mu muryango[2]; info

[2] Ugaheza ukaronka indishi zo gutanga imperezwa n’izo kwunga ubuvandimwe.

التفاسير:

external-link copy
16 : 90

أَوۡ مِسۡكِينٗا ذَا مَتۡرَبَةٖ

Canke umworo ata co yimariye (ata gira shinge na rugero). info
التفاسير:

external-link copy
17 : 90

ثُمَّ كَانَ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَتَوَاصَوۡاْ بِٱلصَّبۡرِ وَتَوَاصَوۡاْ بِٱلۡمَرۡحَمَةِ

Inyuma yo gukora ivyo vyose, umuntu akaba ari mu bemeramana, bahanurana kwihanganira kwumvira Imana Allah no kutayigabitanyiriza, bakanahanurana kugirira impuhwe ibiremwa. info
التفاسير:

external-link copy
18 : 90

أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ

Abo barangwa n’ivyo rero, ni bo bantu bo mu ruhande rw’iburyo, bazoruhukira mu Bwami bw’ijuru. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 90

وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِنَا هُمۡ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ

Nayo abagararije Aayah zacu za Qor’ani, abo ni bo bantu bo mu ruhande rw’ibubamfu; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 90

عَلَيۡهِمۡ نَارٞ مُّؤۡصَدَةُۢ

Bazoba bapfundikiriwe mu muriro ubakikuje ku mpande zose. info
التفاسير: