قۇرئان كەرىم مەنىلىرىنىڭ تەرجىمىسى - كىرۇندىچە تەرجىمىسى- يۇسۇف غەيىتى

external-link copy
44 : 17

تُسَبِّحُ لَهُ ٱلسَّمَٰوَٰتُ ٱلسَّبۡعُ وَٱلۡأَرۡضُ وَمَن فِيهِنَّۚ وَإِن مِّن شَيۡءٍ إِلَّا يُسَبِّحُ بِحَمۡدِهِۦ وَلَٰكِن لَّا تَفۡقَهُونَ تَسۡبِيحَهُمۡۚ إِنَّهُۥ كَانَ حَلِيمًا غَفُورٗا

Amajuru indwi n’isi hamwe n’ibiri muri vyo, vyose biraninahaza Imana Allah, nta n’ikintu na kimwe rero caremwe, kiretse ko kininahaza Imana Allah mu kuyishimagiza, ariko mwebwe abantu ntimutahura ininahazamana ryavyo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya. info
التفاسير: