Kur'an-ı Kerim meal tercümesi - Kirundice Tercüme - Yusuf Gheyti

Al-Fat-hi

external-link copy
1 : 48

إِنَّا فَتَحۡنَا لَكَ فَتۡحٗا مُّبِينٗا

Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaraguhaye intsinzi igaragara yo kunesha ababangikanyamana, igihe mutera igikumu ku masezerano yitiriwe “Al-Hudaybiyya[1]”; info

[1] Al-Hudaybiyya, ni izina ry’ahantu hatereweko igikumu ku masezerano yo kudashamirana no guhana agahengwe k’imyaka cumi hagati y’abislamu n’ababangikanyamana b’i Makka. Ayo masezerano rero, ni yo yahavuye aba imvo yo gusasagaza ubwislamu mu mihingo y’isi, maze abantu barinjira mu bwislamu bari mu migwimigwi, ikaba ari yo mpamvu yatumye Imana Allah Yita nya masezerano, intsinzi igaragara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 48

لِّيَغۡفِرَ لَكَ ٱللَّهُ مَا تَقَدَّمَ مِن ذَنۢبِكَ وَمَا تَأَخَّرَ وَيُتِمَّ نِعۡمَتَهُۥ عَلَيۡكَ وَيَهۡدِيَكَ صِرَٰطٗا مُّسۡتَقِيمٗا

Kugira Imana Allah Ikubabarire ivyaha vyawe wakoze n’ivyo utarakora, ku kubera ko idini rizosasagara inyuma y’ayo masezerano, no kugira rero Imana Allah Igukwirize inema yayo y’iganza ry’idini ryayo, Iheze Igutsimbataze mu burongozi bw’inzira igororotse; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 48

وَيَنصُرَكَ ٱللَّهُ نَصۡرًا عَزِيزًا

No kugira kandi Imana Allah Igushikane ku ntsinzi ihambaye. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 48

هُوَ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ ٱلسَّكِينَةَ فِي قُلُوبِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ لِيَزۡدَادُوٓاْ إِيمَٰنٗا مَّعَ إِيمَٰنِهِمۡۗ وَلِلَّهِ جُنُودُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلِيمًا حَكِيمٗا

Imana Allah, ni Yo Yamanuye ituze mu mitima y’abemeramana umusi w’amasezerano ya Al-Hudaybiyya, maze baraturura, baratekana baratekanirwa, kugira bongererezwe ukwemera no gukurikira Intumwa ku kwemera no gukurikira Intumwa bari basanganwe. Burya Imana Allah, ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ingabo ziri mu majuru n’isi Iheza Igatabaza abemeramana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 48

لِّيُدۡخِلَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَا وَيُكَفِّرَ عَنۡهُمۡ سَيِّـَٔاتِهِمۡۚ وَكَانَ ذَٰلِكَ عِندَ ٱللَّهِ فَوۡزًا عَظِيمٗا

Kugira Yinjize abemeramana n’abemeramanakazi mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, Yongere Ibababarire ibicumuro vyabo maze Ivyirengagize ntibibahanire. Iyo ndishi rero bategekanirijwe ku Mana Allah, ni kwo gukira agahinda no gushika ku co bipfuza; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 48

وَيُعَذِّبَ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ وَٱلۡمُنَٰفِقَٰتِ وَٱلۡمُشۡرِكِينَ وَٱلۡمُشۡرِكَٰتِ ٱلظَّآنِّينَ بِٱللَّهِ ظَنَّ ٱلسَّوۡءِۚ عَلَيۡهِمۡ دَآئِرَةُ ٱلسَّوۡءِۖ وَغَضِبَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِمۡ وَلَعَنَهُمۡ وَأَعَدَّ لَهُمۡ جَهَنَّمَۖ وَسَآءَتۡ مَصِيرٗا

No kugira rero Ihane indyarya n’indyaryakazi, ababangikanyamana n’ababangikanyamanakazi biyumvira nabi Imana Allah, ko Idashoboye gutabara Intumwa yayo hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, bakanesha abansi babo, maze idini ryayo rigasasagara. Barakabona rero ibibi n’amagorwa vy’ubwoko bwose bibashavuza, baragashavurirwa n’Imana Allah, barakavumwa n’Imana Allah. Baranategekanirijwe n'umuriro wa Jahannamu, ni na yo maherezo mabi cane. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 48

وَلِلَّهِ جُنُودُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَكَانَ ٱللَّهُ عَزِيزًا حَكِيمًا

Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ingabo ziri mu majuru n’isi, Iheza Ikaziteza ingoga abemeramana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 48

إِنَّآ أَرۡسَلۡنَٰكَ شَٰهِدٗا وَمُبَشِّرٗا وَنَذِيرٗا

Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakurungitse kugira ube icabona ku bo warungitsweko ko wabashikirije ubutumwa; ushikirize n’inkuru nziza ihumuriza uwukwumviye ko azohabwa Ubwami bw’ijuru; ugabishe n’uwugabitanye ko bitebe bitebuke, arindiriwe n’ibihano. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 48

لِّتُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَتُعَزِّرُوهُ وَتُوَقِّرُوهُۚ وَتُسَبِّحُوهُ بُكۡرَةٗ وَأَصِيلًا

Bantu! Ivyo vyose rero, Twabigize kugira mwemere Imana Allah n’Intumwa yayo, muharanire n’intsinzi y’idini ry’Imana Allah, muheze mwubahe Imana Allah, mwongere muyininahaze muyitazire igitondo n’umugoroba. info
التفاسير: