[1] Al-Hudaybiyya, ni izina ry’ahantu hatereweko igikumu ku masezerano yo kudashamirana no guhana agahengwe k’imyaka cumi hagati y’abislamu n’ababangikanyamana b’i Makka. Ayo masezerano rero, ni yo yahavuye aba imvo yo gusasagaza ubwislamu mu mihingo y’isi, maze abantu barinjira mu bwislamu bari mu migwimigwi, ikaba ari yo mpamvu yatumye Imana Allah Yita nya masezerano, intsinzi igaragara.