[2] Iyi Aayah, irihaniza abantu ko batokwigenza nka Bene Israyeli mu guhazana bicamwo imigwi mw’idini, mu ntumbero yo kurondera ivyubahiro n’ubutegetsi, kuko bohava babihanirwa nk’uko Bene Israyeli babihaniwe.
[3] Iyi Aayah, irerekana ko idini ritunganye mu ngingo no mu mabwirizwa vyayo, ari ubwislamu; bikaba ngombwa rero, ko akurikizwa ata guhesha, ha gushira imbere ivyipfuzo vy’abantu.