Kur'an-ı Kerim meal tercümesi - Kirundice Tercüme - Yusuf Gheyti

An-Nuur

external-link copy
1 : 24

سُورَةٌ أَنزَلۡنَٰهَا وَفَرَضۡنَٰهَا وَأَنزَلۡنَا فِيهَآ ءَايَٰتِۭ بَيِّنَٰتٖ لَّعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ

Iki ni igisomwa gihambaye Twamanuye muri Qor’ani, Tunabwiriza gushira mu ngiro ingingo ziri muri co, Twakimanuyemwo n’ivyemezo bitomoye kugira mwikebuke. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 24

ٱلزَّانِيَةُ وَٱلزَّانِي فَٱجۡلِدُواْ كُلَّ وَٰحِدٖ مِّنۡهُمَا مِاْئَةَ جَلۡدَةٖۖ وَلَا تَأۡخُذۡكُم بِهِمَا رَأۡفَةٞ فِي دِينِ ٱللَّهِ إِن كُنتُمۡ تُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۖ وَلۡيَشۡهَدۡ عَذَابَهُمَا طَآئِفَةٞ مِّنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Umusambanyikazi n’umusambanyi mu gihe batarubaka izabo, igihano c’umwe wese muri bo, ni ugukubitwa ibimoko ijana[1]. Ukubumvira impuhwe rero, ntikuzotume mudashira mu ngiro canke mutezura ico gihano nimwaba mwemera Imana Allah koko hamwe n’umusi w’iherezo, munubahiriza neza n’amabwirizwa y’ubwislamu. Ishirwa mu ngiro ry’ico gihano rero, ritegerezwa gushengererwa n’abemeramana ku kugira babone ububi bw’ico caha c’ubusambanyi, maze bavavanure na co hamwe no kucihanikiriza. info

[1] Vyarakiriwe mu migenzo y’intumwa ko hamwe n’ivyo bimoko ijana akubitwa, aheza akangazwa mu kiringo c’umwaka umwe.

التفاسير:

external-link copy
3 : 24

ٱلزَّانِي لَا يَنكِحُ إِلَّا زَانِيَةً أَوۡ مُشۡرِكَةٗ وَٱلزَّانِيَةُ لَا يَنكِحُهَآ إِلَّا زَانٍ أَوۡ مُشۡرِكٞۚ وَحُرِّمَ ذَٰلِكَ عَلَى ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Umusambanyi, ntashima gushingirwa kiretse umusambanyikazi nkawe canke umubangikanyamanakazi atemera ko ubusambanyi ari icaha. Kukaba nkako, n’umusambanyikazi nyene ntashima gushingirwa, kiretse umusambanyi nkawe canke umubangikanyamana atemera ko ubusambanyi ari icaha. Nayo abacungera ubwambure bwabo mu bemeramana, ntibashima namba gushingirwa muri ubwo buryo kuko ishingirwa nk’iryo ari ikizira ku bemeramana[2]. info

[2] Iyi Aayah, ni icemezo kiziririza ishingirwa ry’umusambanyikazi canke ry’umusambanyi atabanje kwigaya icaha c’ubusambanyi.

التفاسير:

external-link copy
4 : 24

وَٱلَّذِينَ يَرۡمُونَ ٱلۡمُحۡصَنَٰتِ ثُمَّ لَمۡ يَأۡتُواْ بِأَرۡبَعَةِ شُهَدَآءَ فَٱجۡلِدُوهُمۡ ثَمَٰنِينَ جَلۡدَةٗ وَلَا تَقۡبَلُواْ لَهُمۡ شَهَٰدَةً أَبَدٗاۚ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡفَٰسِقُونَ

Abakorera inteba ishushe intore ata co zinona mu bagore n’abagabo mu kuzagiriza icaha c’ubusambanyi, hanyuma ntibazane ivyabona bine vy’intungane bizagiriza nya caha, murabaha igihano co gukubitwa ibimoko mirongo umunani, hamwe no kutemererwa kuba ivyabona kandi mu buzima bwabo bwose. Abo rero, ni na vyo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 24

إِلَّا ٱلَّذِينَ تَابُواْ مِنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَ وَأَصۡلَحُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Ariko rero, abazokwigaya mu nyuma, bakicuza kuri nya caha co kwagiriza ubusambanyi intore ata co zinona, bagaheza bakitunganya mu gukora ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Izobumvira, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 24

وَٱلَّذِينَ يَرۡمُونَ أَزۡوَٰجَهُمۡ وَلَمۡ يَكُن لَّهُمۡ شُهَدَآءُ إِلَّآ أَنفُسُهُمۡ فَشَهَٰدَةُ أَحَدِهِمۡ أَرۡبَعُ شَهَٰدَٰتِۭ بِٱللَّهِ إِنَّهُۥ لَمِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ

Abakorera inteba ishushe abakenyezi babo mu kubagiriza icaha c’ubusambanyi, ata n’ivyabona bindi vy’intungane bafise vyagiriza abo bakenyezi nya caha, kiretse bo bonyene ubwabo, umwe wese muri bo ategerezwa kwemanga imbere y’ubutungane mu kurahira incuro zine avuga ati: “Ndarahiye ngira Imana Allah Icabona canje, ko mvugisha ukuri ku caha c’ubusambanyi nagiriza umukenyezi wanje”; info
التفاسير:

external-link copy
7 : 24

وَٱلۡخَٰمِسَةُ أَنَّ لَعۡنَتَ ٱللَّهِ عَلَيۡهِ إِن كَانَ مِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ

Aheze yongereko n’indahiro igira gatanu yo kwisabira imivumo y’Imana Allah avuga ati: “Ndakavumwa n’Imana Allah, ninaba mbeshera umukenyezi wanje ku caha c’ubusambanyi ndamwagiriza”. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 24

وَيَدۡرَؤُاْ عَنۡهَا ٱلۡعَذَابَ أَن تَشۡهَدَ أَرۡبَعَ شَهَٰدَٰتِۭ بِٱللَّهِ إِنَّهُۥ لَمِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ

Kuri iyi ndahiro igira gatanu, umukenyezi wiwe aca yagirwa na nya caha c’ubusambanyi, agaheza agahabwa igihano co guterwa amabuye gushika apfe. Nta gikura ico gihano kuri nya mukenyezi, kiretse ukurahira incuro zine avuga ati: “Ndarahiye ngira Imana Allah Icabona canje, ko umugabo wanje ambeshera ku caha c’ubusambanyi anyagiriza”; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 24

وَٱلۡخَٰمِسَةَ أَنَّ غَضَبَ ٱللَّهِ عَلَيۡهَآ إِن كَانَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ

Aheze yongereko n’indahiro igira gatanu yo kwisabira gushavurirwa n’Imana Allah avuga ati: “Ndagashavurirwa n’Imana Allah, umugabo wanje niyaba avugisha ukuri ku caha c’ubusambanyi anyagiriza”. Kuri iyi ndahiro igira gatanu rero, baca bahukanishwa. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 24

وَلَوۡلَا فَضۡلُ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡ وَرَحۡمَتُهُۥ وَأَنَّ ٱللَّهَ تَوَّابٌ حَكِيمٌ

Iyo hataba impano z’Imana Allah n’impuhwe zayo kuri mwebwe abemeramana, mu gushinga ingingo yo kwahukana kw’abubakanye bagirizanya ubusambanyi mu gihe barahiye, umubeshi muri bo yari guhanishwa igihano yisabiye mu kurahira, ivyo rero biri ukwo kuko Imana Allah ari Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير: