Kur'an-ı Kerim meal tercümesi - Kirundice Tercüme - Yusuf Gheyti

external-link copy
46 : 22

أَفَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَتَكُونَ لَهُمۡ قُلُوبٞ يَعۡقِلُونَ بِهَآ أَوۡ ءَاذَانٞ يَسۡمَعُونَ بِهَاۖ فَإِنَّهَا لَا تَعۡمَى ٱلۡأَبۡصَٰرُ وَلَٰكِن تَعۡمَى ٱلۡقُلُوبُ ٱلَّتِي فِي ٱلصُّدُورِ

Mbega abahakanyi ntibaragendagenda kw’isi kugira ngo birabire ibisigarira vy’abahonejwe ngo bagire umutima unyurwa, n’ubwenge bwiyumvira koko, canke ngo bagire amatwi yumva agategera! Burya ubuhumyi nya buhumyi si ubw’amaso, ahubwo nyabuna ubuhumyi nya buhumyi, ni ubw’umutima uri mu gikiriza utanyurwa n’ukuri. info
التفاسير: