పవిత్ర ఖురాన్ యొక్క భావార్థాల అనువాదం - కిరుండి అనువాదం - యూసుఫ్ ఘహీతి

పేజీ నెంబరు:close

external-link copy
45 : 6

فَقُطِعَ دَابِرُ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْۚ وَٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Ni ho rero Imana Allah Yahonya abantu birenganya mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa zayo. Nihashimagizwe rero Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose, Itabara abatoni bayo, Igahonya abansi bayo. info
التفاسير:

external-link copy
46 : 6

قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ إِنۡ أَخَذَ ٱللَّهُ سَمۡعَكُمۡ وَأَبۡصَٰرَكُمۡ وَخَتَمَ عَلَىٰ قُلُوبِكُم مَّنۡ إِلَٰهٌ غَيۡرُ ٱللَّهِ يَأۡتِيكُم بِهِۗ ٱنظُرۡ كَيۡفَ نُصَرِّفُ ٱلۡأٓيَٰتِ ثُمَّ هُمۡ يَصۡدِفُونَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimumbwire mu gihe Imana Allah Yobaka ubushobozi bwo kwumva mukaba ba nyamuragi; Ikabaka n’ubushobozi bwo kubona mukaba impumyi; Ikanatera ikimangu ku mitima yanyu mukaba intumva, ni iyihe mana yindi atari Imana Allah yoshobora kubasubiza ivyo Yabatse!”. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubereka ivyemezo vy’ubwoko bwose, hanyuma bakabandanya birengagiza, ntibibuke ngo bikebuke! info
التفاسير:

external-link copy
47 : 6

قُلۡ أَرَءَيۡتَكُمۡ إِنۡ أَتَىٰكُمۡ عَذَابُ ٱللَّهِ بَغۡتَةً أَوۡ جَهۡرَةً هَلۡ يُهۡلَكُ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلظَّٰلِمُونَ

Ntumwa y’Imana! Babwire kandi uti: “Nimumbwire mu gihe mwoshikirwa giturumbuka n’ibihano vy’Imana Allah; canke bikabashikira imbona nkubone, hari abohona atari abantu birenganya mu guhakana Intumwa no mu kubangikanya Imana Allah!”. info
التفاسير:

external-link copy
48 : 6

وَمَا نُرۡسِلُ ٱلۡمُرۡسَلِينَ إِلَّا مُبَشِّرِينَ وَمُنذِرِينَۖ فَمَنۡ ءَامَنَ وَأَصۡلَحَ فَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ

Burya Twebwe Allah, ntiturungika Intumwa zacu kiretse ko ziheza zigashikiriza abatwumvira inkuru nziza ibahumuriza ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, zikanagabisha abagabitanya ku bihano vyo mu muriro. Uwuramutse rero yemeye izo Ntumwa akanatunganya ibikorwa vyiza bitegetswe, aramenya ko ari mu bantu batazogira ubwoba bwo guhanwa ku musi w’izuka, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
49 : 6

وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يَمَسُّهُمُ ٱلۡعَذَابُ بِمَا كَانُواْ يَفۡسُقُونَ

Abahakanye bivuye inyuma Aayah za Qor’ani n’ibindi vyemezo vyacu, bazokorwako n’ibihano ku musi w’izuka, bitewe n’uko bahora baca kubiri n’idini kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
50 : 6

قُل لَّآ أَقُولُ لَكُمۡ عِندِي خَزَآئِنُ ٱللَّهِ وَلَآ أَعۡلَمُ ٱلۡغَيۡبَ وَلَآ أَقُولُ لَكُمۡ إِنِّي مَلَكٌۖ إِنۡ أَتَّبِعُ إِلَّا مَا يُوحَىٰٓ إِلَيَّۚ قُلۡ هَلۡ يَسۡتَوِي ٱلۡأَعۡمَىٰ وَٱلۡبَصِيرُۚ أَفَلَا تَتَفَكَّرُونَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Jewe sindigera ndababwira ko ngaba ibigega vy’Imana Allah nkabeshaho ibiremwa, eka sindigera nigira rumenyi rw’ibinyegejwe ibiremwa, eka sindanababwira ko ndi umwami, jewe ndi Intumwa y’Imana, nkurikira ivyo mpishuriwe, ngaheza nkabishikiriza abantu”. Babwire kandi uti: “Mbega umugarariji yigenza nk’impumyi[4] atigera abona ivyemezo vy’Imana Allah ngo avyemere, ni nk’umwemeramana abona ivyemezo vy’Imana akavyemera! Mbega ntimwiyumvira ngo mubone ukuri, muheze mukwemere!”. info

[4] Iyi ni imvugo ngereranyo igereranya umugarariji mu kutabona ukuri, n’impumyi itabona; ikagereranya umwemeramana mu kubona ukuri n’uwubona.

التفاسير:

external-link copy
51 : 6

وَأَنذِرۡ بِهِ ٱلَّذِينَ يَخَافُونَ أَن يُحۡشَرُوٓاْ إِلَىٰ رَبِّهِمۡ لَيۡسَ لَهُم مِّن دُونِهِۦ وَلِيّٞ وَلَا شَفِيعٞ لَّعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ

Ntumwa y’Imana! Koresha Qor’ani mu kugabisha abatinya ko bazozuka bakegeranirizwa ku Mana yabo Rurema Allah, bazi neza ko ata mutabazi bazoronka abatabara mu bihano, kiretse Imana Allah, kandi ata n’uwubavugira ku Mana Allah bazoronka ngo ntibahanwe. Bagabishe rero kugira batinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
52 : 6

وَلَا تَطۡرُدِ ٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ رَبَّهُم بِٱلۡغَدَوٰةِ وَٱلۡعَشِيِّ يُرِيدُونَ وَجۡهَهُۥۖ مَا عَلَيۡكَ مِنۡ حِسَابِهِم مِّن شَيۡءٖ وَمَا مِنۡ حِسَابِكَ عَلَيۡهِم مِّن شَيۡءٖ فَتَطۡرُدَهُمۡ فَتَكُونَ مِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Muvugishwamana! Ntukirukane mu vyicaro vyawe ba ntahonikora na ba nyarucari mu bislamu, biyegereza Imana yabo Rurema Allah mu vyo bakora vyose bakanayisenga igitondo n’umugoroba bashaka kuyishimisha; nta na kimwe ubazwa ku ndishi y’ivyo bakora, eka na bo nyene nta na kimwe bagusaba. Uramutse rero ubirukanye, woba uri mu barenganya mu kutamenya icubahiro n’agateka k’umwe wese. info
التفاسير: