పవిత్ర ఖురాన్ యొక్క భావార్థాల అనువాదం - కిరుండి అనువాదం - యూసుఫ్ ఘహీతి

పేజీ నెంబరు:close

external-link copy
152 : 6

وَلَا تَقۡرَبُواْ مَالَ ٱلۡيَتِيمِ إِلَّا بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُ حَتَّىٰ يَبۡلُغَ أَشُدَّهُۥۚ وَأَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ وَٱلۡمِيزَانَ بِٱلۡقِسۡطِۖ لَا نُكَلِّفُ نَفۡسًا إِلَّا وُسۡعَهَاۖ وَإِذَا قُلۡتُمۡ فَٱعۡدِلُواْ وَلَوۡ كَانَ ذَا قُرۡبَىٰۖ وَبِعَهۡدِ ٱللَّهِ أَوۡفُواْۚ ذَٰلِكُمۡ وَصَّىٰكُم بِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ

Ntimukegere n'amatungo y’impfuvyi muhagarariye ngo muyakoreshe, kiretse mu kuyiyatunganiriza gushika igere mu bigero, ishobore kuyitunganiriza. Ba mukwiza ingero n’umunzane mu buryo butunganye[31]. Nimwitwararika rero gukwiza ingero n’umunzane uko mushoboye, bizoba bikwiye, Twebwe Allah ntidutegeka umuntu gukora kiretse ivyo ashoboye. Nimwaramuka muvuze, na ho nyene muritwararika kuba intungane mu vyo muvuga[32] n’aho mwobera ivyabona abavandimwe banyu, kandi n’isezerano Imana Allah Yabahaye ryo kwubahiriza amabwirizwa yayo, muraryubahiriza. Izo ngingo mudondaguriwe rero, ni ryo ragi ry’Imana Allah Yabahaye kugira mwikebuke, muheze mwibuke ingaruka z’ubuhakanyi bwanyu; info

[31] Ata co murengejeko ata n’ico mugabanijeko.
[32] Mu gushikiriza inkuru, ingingo canke kuvugira umuntu no mu kuba ivyabona.

التفاسير:

external-link copy
153 : 6

وَأَنَّ هَٰذَا صِرَٰطِي مُسۡتَقِيمٗا فَٱتَّبِعُوهُۖ وَلَا تَتَّبِعُواْ ٱلسُّبُلَ فَتَفَرَّقَ بِكُمۡ عَن سَبِيلِهِۦۚ ذَٰلِكُمۡ وَصَّىٰكُم بِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَتَّقُونَ

Biri mw’iryo ragi nyene Imana Allah Yabahaye, ko ubwislamu ari yo nzira yayo igororotse, ikaba ari na yo nzira yanje nategetswe gukurikira, nimuyikurikire rero, kandi ntimuzohirahire ngo mukurikire inzira z'ubuhuvyi bwa shetani ngo zibateshe inzira y’Imana Allah. Ukwo gukurikira iyo nzira igororotse rero, ni ryo ragi ry’Imana Allah Yabahaye kugira muyitinye mu kwubahiriza amabwirizwa yayo”. info
التفاسير:

external-link copy
154 : 6

ثُمَّ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ تَمَامًا عَلَى ٱلَّذِيٓ أَحۡسَنَ وَتَفۡصِيلٗا لِّكُلِّ شَيۡءٖ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ لَّعَلَّهُم بِلِقَآءِ رَبِّهِمۡ يُؤۡمِنُونَ

Ntumwa y'Imana! Babwire kandi ko ari Twebwe Allah Twanahaye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Tawurati, mu ntumbero yo gukwiriza abagwaneza mu bantu yarungitsweko inema zacu, no mu gutomora ingingo y’ikintu ico ari co cose mu vyerekeye idini ryabo, no kugira rero nya Gitabu kibabere inzira y’ubugororotsi n’impuhwe, baheze bemere ko hari izuka ry’ibiremwa, banaryitegurire. info
التفاسير:

external-link copy
155 : 6

وَهَٰذَا كِتَٰبٌ أَنزَلۡنَٰهُ مُبَارَكٞ فَٱتَّبِعُوهُ وَٱتَّقُواْ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ

N’iyi Qor’ani rero, ni Igitabu gihezagiye Twamanuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Enda rero nimugikurikire mu kwubahiriza amabwirizwa yaco, muniyubare kuyarengako kugira mugire impuhwe z’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
156 : 6

أَن تَقُولُوٓاْ إِنَّمَآ أُنزِلَ ٱلۡكِتَٰبُ عَلَىٰ طَآئِفَتَيۡنِ مِن قَبۡلِنَا وَإِن كُنَّا عَن دِرَاسَتِهِمۡ لَغَٰفِلِينَ

Bagarariji mu Barabu! Twamanuye Qor’ani kugira ntimuzovuge mwiregura muti: “Emwe! Mu vy’ukuri abamanuriwe Ibitabu, ni imigwi ibiri y’abayahudi n’abanaswara y’aho hambere yacu, kandi nta n’ubumenyi bwo kubitahura twari dufise”; info
التفاسير:

external-link copy
157 : 6

أَوۡ تَقُولُواْ لَوۡ أَنَّآ أُنزِلَ عَلَيۡنَا ٱلۡكِتَٰبُ لَكُنَّآ أَهۡدَىٰ مِنۡهُمۡۚ فَقَدۡ جَآءَكُم بَيِّنَةٞ مِّن رَّبِّكُمۡ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٞۚ فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَصَدَفَ عَنۡهَاۗ سَنَجۡزِي ٱلَّذِينَ يَصۡدِفُونَ عَنۡ ءَايَٰتِنَا سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِ بِمَا كَانُواْ يَصۡدِفُونَ

No kugira rero ntimuzovuge mwiyeza muti: “Iyo tuja kumanurirwa Igitabu, ni ukuri twari kuba abagororotsi kurusha abayahudi n’abanaswara”. Bantu rero mwarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)! Ni ukuri mwaramaze gushikirwa na Qor’ani, ari na co cemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, ikaba n’uburongozi n’impuhwe kuri mwebwe. Nta n’umwe rero arenganya akimonogoza gusumba uwahakanye yivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah akanavyirengagiza. Twebwe Allah, Tuzoha abirengagije Aayah n'ivyemezo vyacu ibihano ruhasha, bitewe n'ukuntu bahora bavyirengagiza bakanaburagiza abantu gukurikira inzira yacu. info
التفاسير: