ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි

Al-Bayyinah

external-link copy
1 : 98

لَمۡ يَكُنِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنۡ أَهۡلِ ٱلۡكِتَٰبِ وَٱلۡمُشۡرِكِينَ مُنفَكِّينَ حَتَّىٰ تَأۡتِيَهُمُ ٱلۡبَيِّنَةُ

Abagararije mu bahawe Igitabu no mu babangikanyamana, ntibari kugera aho bavavanura n’ubugarariji, kugeza bashikiriwe n’icemeza kiboneka; info
التفاسير:

external-link copy
2 : 98

رَسُولٞ مِّنَ ٱللَّهِ يَتۡلُواْ صُحُفٗا مُّطَهَّرَةٗ

Ico cemeza, ni Intumwa ivuye ku Mana Allah, yaje ibasomera Qor’ani yanditswe ku mpapuro zitagiramwo agasembwa, zisukuye. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 98

فِيهَا كُتُبٞ قَيِّمَةٞ

Harimwo ibimenyetso n’amategeko atomoye, arongora mu nzira igororotse. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 98

وَمَا تَفَرَّقَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَتۡهُمُ ٱلۡبَيِّنَةُ

Abahawe Igitabu, ntibiciyemwo imigwi ku vyerekeye ukwemera umuzo w’Intumwa Muhamadi[1], kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’icemeza kiboneka, cemeza ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana), ari yo Ntumwa y’Imana Allah basezeraniwe mu Bitabu vyabo. info

[1] Abahawe Igitabu, bari basanzwe bazi neza ibiranga Intumwa igiye kuza, baranemera ko ari Intumwa y’ukuri bisunze ibiyiranga, ariko iyo Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana) imaze kuza, bariciyemwo imigwi; muri bo hari abayemeye baranayikurikira, hari n’abayihakanye baranayirwanya biturutse kw’ishari n’akarenganyo.

التفاسير:

external-link copy
5 : 98

وَمَآ أُمِرُوٓاْ إِلَّا لِيَعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مُخۡلِصِينَ لَهُ ٱلدِّينَ حُنَفَآءَ وَيُقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَيُؤۡتُواْ ٱلزَّكَوٰةَۚ وَذَٰلِكَ دِينُ ٱلۡقَيِّمَةِ

Nta n’ikindi bategetswe gukora mu mabwirizwa bahawe, atari ukwiyegereza Imana Allah mu vyo bakora vyose banayisenga ari Imwe Rudende, beze idini ryayo batayibangikanya, batsimbataze n’amasengesho ku mwanya, banatange n’ishikanwa-bwirizwa. Iryo rero, ni ryo dini ry’ukuri, ni na bwo bwislamu. info
التفاسير: