ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි

external-link copy
67 : 9

ٱلۡمُنَٰفِقُونَ وَٱلۡمُنَٰفِقَٰتُ بَعۡضُهُم مِّنۢ بَعۡضٖۚ يَأۡمُرُونَ بِٱلۡمُنكَرِ وَيَنۡهَوۡنَ عَنِ ٱلۡمَعۡرُوفِ وَيَقۡبِضُونَ أَيۡدِيَهُمۡۚ نَسُواْ ٱللَّهَ فَنَسِيَهُمۡۚ إِنَّ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ هُمُ ٱلۡفَٰسِقُونَ

Indyarya n’indyaryakazi, zose zipfuye rumwe. Zose zirangwa no kwiyorobeka, zigaragaza ukwemera zigahisha ubugarariji, zibwiriza abandi ukugarariza Imana Allah no kugabitaniriza Intumwa yayo, zikababuza ukwemera Imana Allah no kwumvira Intumwa yayo, zikaba ata n'ico zikura ngo zitange. Zaribagiye Imana Allah, ntizaba zikiyibuka namba, gutyo na Yo Iraziyibagiza, Izikura mu mpuhwe zayo, ntiyanazishoboza gukora iciza. Mu vy’ukuri indyarya, ni zo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. info
التفاسير: