ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි

external-link copy
38 : 9

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَا لَكُمۡ إِذَا قِيلَ لَكُمُ ٱنفِرُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ ٱثَّاقَلۡتُمۡ إِلَى ٱلۡأَرۡضِۚ أَرَضِيتُم بِٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا مِنَ ٱلۡأٓخِرَةِۚ فَمَا مَتَٰعُ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا فِي ٱلۡأٓخِرَةِ إِلَّا قَلِيلٌ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Bigenda gute, ko iyo mubwiwe muti: “Nimusidukane n’iyonka muje kurwanira idini ry’Imana Allah”, muca munebwa ntimuve hasi! Mbega mwashimye guhitamwo ubuzima bwo kw’isi ha guhitamwo ubuzima bw’inyuma yo gupfa! Burya ukuryoherwa n’ivyiza bike vyo kw’isi, kumara akanya gato cane ugereranije n’ukuryoherwa n’ivyiza vyinshi vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bizokwamaho ibihe bidahera. info
التفاسير: