ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි

පිටු අංක:close

external-link copy
52 : 51

كَذَٰلِكَ مَآ أَتَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا قَالُواْ سَاحِرٌ أَوۡ مَجۡنُونٌ

Nk’uko rero Abakorayishi bahakanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakavuga bati: “Muhamadi, ni umwivuzi w’amazina, canke umurozi, canke umukehabwenge”; ni ko n’imigwi y’abantu bo hambere yabo yabigenjeje, ntiyigeze irungikirwa Intumwa n’imwe, kiretse ko yavuga nk’ukwo nyene, bituma Tuyihana. info
التفاسير:

external-link copy
53 : 51

أَتَوَاصَوۡاْ بِهِۦۚ بَلۡ هُمۡ قَوۡمٞ طَاغُونَ

Mbega yemwe! Abo hambere, boba basigiye abo mu nyuma zabo iragi ryo guhakana Intumwa muri ubwo buryo nyene! Ahubwo rero mbere, bo ni abantu biganza bakagarariza, bagahuza umutima w’ubugarariji n’akagagazo, gutyo bagasusa no mu buryo bwo kugarariza. info
التفاسير:

external-link copy
54 : 51

فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ فَمَآ أَنتَ بِمَلُومٖ

Ntumwa y’Imana! Irengagize ababangikanyamana mu kurindira itegeko riberekeye, nta n’uwogutako imiragwe kuko wamaze gushikana ubutumwa; info
التفاسير:

external-link copy
55 : 51

وَذَكِّرۡ فَإِنَّ ٱلذِّكۡرَىٰ تَنفَعُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Hamwe n’ivyo rero, shishikara irarikiramana wibutsa abo warungitsweko, mu vy’ukuri ukwibutswa kuragirira akamaro abemeramana, na kare ngo uwukebura uwiwe agumizako. info
التفاسير:

external-link copy
56 : 51

وَمَا خَلَقۡتُ ٱلۡجِنَّ وَٱلۡإِنسَ إِلَّا لِيَعۡبُدُونِ

Jewe Allah, sinaremye Amajini n’abantu Nkabarungikira n’Intumwa, atari ukugira banyiyegereze mu vyo bakora vyose banansenge batambangikanya na kimwe mu biremwa; info
التفاسير:

external-link copy
57 : 51

مَآ أُرِيدُ مِنۡهُم مِّن رِّزۡقٖ وَمَآ أُرِيدُ أَن يُطۡعِمُونِ

Nta bimbeshaho ndabashakako, eka mbere nta n’imfungurwa Ndabasavye, kuko ni Jewe Mubeshaho w’ibiremwa, Nyenugutanga. info
التفاسير:

external-link copy
58 : 51

إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلرَّزَّاقُ ذُو ٱلۡقُوَّةِ ٱلۡمَتِينُ

Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Rutunga Ibeshejeho ibiremwa vyose, Nyeninguvu, Mutananirwa. info
التفاسير:

external-link copy
59 : 51

فَإِنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ ذَنُوبٗا مِّثۡلَ ذَنُوبِ أَصۡحَٰبِهِمۡ فَلَا يَسۡتَعۡجِلُونِ

Mu vy’ukuri, abirenganije mu guhakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), baragenewe umugabane w’ibihano; nk’uwagenewe bagenzi babo bahakanye hambere yabo, ntibihutire rero gusaba guhanwa, kuko bitebe bitebuke, bategerezwa guhanwa. info
التفاسير:

external-link copy
60 : 51

فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن يَوۡمِهِمُ ٱلَّذِي يُوعَدُونَ

Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bakazohanwa kuri wa musi wabo w’izuka basezeranirwa ko bazohanwa. info
التفاسير: