ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි

පිටු අංක:close

external-link copy
203 : 2

۞ وَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ فِيٓ أَيَّامٖ مَّعۡدُودَٰتٖۚ فَمَن تَعَجَّلَ فِي يَوۡمَيۡنِ فَلَآ إِثۡمَ عَلَيۡهِ وَمَن تَأَخَّرَ فَلَآ إِثۡمَ عَلَيۡهِۖ لِمَنِ ٱتَّقَىٰۗ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّكُمۡ إِلَيۡهِ تُحۡشَرُونَ

Muraninahaza mwongere mutazire Imana Allah mu misi imparurwa[34]. Uwuzoshaka kwihuta kuva “Mina” imbere yuko izuba rirenga ku musi ugira uw’icumi na kabiri, akaba yahejeje gutera amabuye ku biterero (Jamaraat), nta caha kuri we. N’uwuzocererwa kuva “Mina[35]”, akavayo ahejeje gutera amabuye ku biterero ku musi ugira uw’icumi na gatatu, nta caha kirimwo ku wugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza imigirwa yo gushengerera ingoro ntagatifu. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora, muheze mumenye kandi ko muzokwegeranirizwa kuri Yo, kugira Ibaharurire Yongere Ibahembere ivyo mwakoze. info

[34] Ni imisi itatu ikurikirana, igenekerezo rya 11, 12 na 13 ikurikira ilayidi nkuru mu kwezi kwa “Dhu l-Hijja” kwa 12.
[35] Ugucererwa kuva “Mina”, ukavayo uhejeje gutera amabuye ku biterero ku musi ugira uw’icumi na gatatu, ni na vyo vyiza kuko ari ko Intumwa yabigenjeje.

التفاسير:

external-link copy
204 : 2

وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يُعۡجِبُكَ قَوۡلُهُۥ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَيُشۡهِدُ ٱللَّهَ عَلَىٰ مَا فِي قَلۡبِهِۦ وَهُوَ أَلَدُّ ٱلۡخِصَامِ

Ntumwa y’Imana! Burya mu bantu harimwo indyarya, uryoherwa n’ivyo ivuga mu kurondera ivy’isi, ikarahira ikarengwa ko ikunda ubwislamu, ikanubahuka kugira Imana Allah Icabona ku biri mu mutima wayo, kandi ari yo mwansi mubi w’ubwislamu; info
التفاسير:

external-link copy
205 : 2

وَإِذَا تَوَلَّىٰ سَعَىٰ فِي ٱلۡأَرۡضِ لِيُفۡسِدَ فِيهَا وَيُهۡلِكَ ٱلۡحَرۡثَ وَٱلنَّسۡلَۚ وَٱللَّهُ لَا يُحِبُّ ٱلۡفَسَادَ

Ntumwa y’Imana! Iyo yikebanuye muvanye, irakerebuka ica hirya n’ino kw’isi mu bwononyi, kugira ngo ihonye ibiterwa n’ibitungwa. Burya Imana Allah ntikunda na gato ubwononyi; info
التفاسير:

external-link copy
206 : 2

وَإِذَا قِيلَ لَهُ ٱتَّقِ ٱللَّهَ أَخَذَتۡهُ ٱلۡعِزَّةُ بِٱلۡإِثۡمِۚ فَحَسۡبُهُۥ جَهَنَّمُۖ وَلَبِئۡسَ ٱلۡمِهَادُ

Iyo nya ndyarya ihanuwe iti: “Tinya Imana Allah maze wiyubare ibihano vyayo, uheze uvavanure n’ubwononyi”, ica itwarwa n’ubwishime mu kubandanya ikora ivyaha. Kubera ivyo, irakwiye guhanwa mu muriro wa Jahannamu, n’ukuri ni na bwo busaswa bubi cane. info
التفاسير:

external-link copy
207 : 2

وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يَشۡرِي نَفۡسَهُ ٱبۡتِغَآءَ مَرۡضَاتِ ٱللَّهِۚ وَٱللَّهُ رَءُوفُۢ بِٱلۡعِبَادِ

Mu bantu harimwo kandi n’uwiguze ugushimwa n’Imana Allah mu guharanira idini ryayo. Burya Imana Allah ni na Yo Nyenikigongwe ku baja bayo b’abatoni. info
التفاسير:

external-link copy
208 : 2

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱدۡخُلُواْ فِي ٱلسِّلۡمِ كَآفَّةٗ وَلَا تَتَّبِعُواْ خُطُوَٰتِ ٱلشَّيۡطَٰنِۚ إِنَّهُۥ لَكُمۡ عَدُوّٞ مُّبِينٞ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimufate nkama amabwirizwa yose y’ubwislamu, maze muyubahirize ata na rimwe mwirengagije muri yo, kandi ntimugakurikire inzira za shetani mu guca kubiri n’amabwirizwa yabwo. Mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara. info
التفاسير:

external-link copy
209 : 2

فَإِن زَلَلۡتُم مِّنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَتۡكُمُ ٱلۡبَيِّنَٰتُ فَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٌ

Nimwahusha inzira y’ukuri mu nyuma y’aho mushikiriwe n’ivyemezo bitomoye muri Qor’ani no mu nyigisho z’intumwa, muramenya ko Imana Allah ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
210 : 2

هَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّآ أَن يَأۡتِيَهُمُ ٱللَّهُ فِي ظُلَلٖ مِّنَ ٱلۡغَمَامِ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ وَقُضِيَ ٱلۡأَمۡرُۚ وَإِلَى ٱللَّهِ تُرۡجَعُ ٱلۡأُمُورُ

Inyuma y’ivyo vyemezo rero, abagarariji nta kindi barindiriye kiretse igihe Imana Allah Yaje mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, mu gitutu c’ibicu hamwe n’abamalayika ku musi w’izuka, ico gihe rero Ikazobacira urutunganye. Kandi rero ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye. info
التفاسير: