ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි

පිටු අංක:close

external-link copy
39 : 19

وَأَنذِرۡهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡحَسۡرَةِ إِذۡ قُضِيَ ٱلۡأَمۡرُ وَهُمۡ فِي غَفۡلَةٖ وَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ

Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu ku bihano vy’umusi wo kwicuza, igihe baciriwe urugororotse, urupfu rukazanwa mw’ishusho ry’intama inuze rugakererwa, maze abantu bagaheza bagatunganirizwa; abemeramana bakaja mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo bakaja mu muriro; ivyo bizoba ukwo, mu gihe abantu kuri iyi si bagoswe mu kutumva igabisha ryawe, gutyo bakareka kwemera no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 19

إِنَّا نَحۡنُ نَرِثُ ٱلۡأَرۡضَ وَمَنۡ عَلَيۡهَا وَإِلَيۡنَا يُرۡجَعُونَ

Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tuzotorana isi n’ibiri kuri yo, ni no kuri Twebwe Allah ibiremwa vyose bizogaruka kugira Tubihembere ivyo vyakoze. info
التفاسير:

external-link copy
41 : 19

وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ إِبۡرَٰهِيمَۚ إِنَّهُۥ كَانَ صِدِّيقٗا نَّبِيًّا

Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani, mu vy’ukuri Ibrahimu yari imvugakuri koko, akaba n’Umuvugishwamana; info
التفاسير:

external-link copy
42 : 19

إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ يَٰٓأَبَتِ لِمَ تَعۡبُدُ مَا لَا يَسۡمَعُ وَلَا يُبۡصِرُ وَلَا يُغۡنِي عَنكَ شَيۡـٔٗا

Igihe yabwira se Aazara ati: “Dawe wanje! Ni kuki usenga ibigirwamana bitumva bitanabona, ata n’ikintu na kimwe bikumariye!; info
التفاسير:

external-link copy
43 : 19

يَٰٓأَبَتِ إِنِّي قَدۡ جَآءَنِي مِنَ ٱلۡعِلۡمِ مَا لَمۡ يَأۡتِكَ فَٱتَّبِعۡنِيٓ أَهۡدِكَ صِرَٰطٗا سَوِيّٗا

Dawe wanje! Mu vy’ukuri jewe, narahawe n’Imana Allah ubumenyi utigeze uhabwa, ndakwinginze ko wonkurikira nkakurongora mu nzira igororotse; info
التفاسير:

external-link copy
44 : 19

يَٰٓأَبَتِ لَا تَعۡبُدِ ٱلشَّيۡطَٰنَۖ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ كَانَ لِلرَّحۡمَٰنِ عَصِيّٗا

Dawe wanje! Ntukumvire shetani mu gusenga ibigirwamana; mu vy’ukuri, shetani yaramaze kuba ikigaba kuri Nyenimpuhwe Allah; info
التفاسير:

external-link copy
45 : 19

يَٰٓأَبَتِ إِنِّيٓ أَخَافُ أَن يَمَسَّكَ عَذَابٞ مِّنَ ٱلرَّحۡمَٰنِ فَتَكُونَ لِلشَّيۡطَٰنِ وَلِيّٗا

Dawe wanje! Mu vy’ukuri, jewe ndafise impungenge ko wopfa ukigarariza, maze ugahanwa na Nyenimpuhwe Allah ku musi w’izuka, gutyo ukaba umugenzi wa shetani mu muriro”. info
التفاسير:

external-link copy
46 : 19

قَالَ أَرَاغِبٌ أَنتَ عَنۡ ءَالِهَتِي يَٰٓإِبۡرَٰهِيمُۖ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ لَأَرۡجُمَنَّكَۖ وَٱهۡجُرۡنِي مَلِيّٗا

Aazara yishuye Ibrahimu ati: “Burahi! Ubwo urakenyeye wirengagize isengwa ry’imana zanje! Ni ukuri, utavavanuye n’ugutyoza imana zanje, nzokwicisha amabuye, canke ndakwirukane ugende ubutakigaruka, maze ntuzonasubire no kumvugisha”. info
التفاسير:

external-link copy
47 : 19

قَالَ سَلَٰمٌ عَلَيۡكَۖ سَأَسۡتَغۡفِرُ لَكَ رَبِّيٓۖ إِنَّهُۥ كَانَ بِي حَفِيّٗا

Ibrahimu yishuye se Aazara ati: “Urakagira amahoro, usimbe imanga! Nzogusabira ku Mana yanje Rurema Allah ko Yokurongora, Ikakugirira n’ikigongwe ku vyaha wakoze. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Yamye Inyumvira mu gihe ndayisavye; info
التفاسير:

external-link copy
48 : 19

وَأَعۡتَزِلُكُمۡ وَمَا تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَأَدۡعُواْ رَبِّي عَسَىٰٓ أَلَّآ أَكُونَ بِدُعَآءِ رَبِّي شَقِيّٗا

Nzobiyonjororako mwebwe hamwe n’ibigirwamana vyanyu musenga mu gishingo c’Imana Allah, mpeze nsabe Imana yanje Rurema Allah, kumbure sinzoreka kwemererwa n’Imana yanje Rurema Allah igisabo ndayisavye”. info
التفاسير:

external-link copy
49 : 19

فَلَمَّا ٱعۡتَزَلَهُمۡ وَمَا يَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَهَبۡنَا لَهُۥٓ إِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَۖ وَكُلّٗا جَعَلۡنَا نَبِيّٗا

Igihe rero Ibrahimu abiyonjororako bo hamwe n’ibigirwamana vyabo basenga mu gishingo c’Imana Allah, Twebwe Allah Twaramuhaye umwana yitwa Is-haka, Tumuha n’umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka, kandi bompi Twabagize Abavugishwamana. info
التفاسير:

external-link copy
50 : 19

وَوَهَبۡنَا لَهُم مِّن رَّحۡمَتِنَا وَجَعَلۡنَا لَهُمۡ لِسَانَ صِدۡقٍ عَلِيّٗا

Twaranabahaye ku mpuhwe zacu ingabirano nyinshi, Tubaha no kuyagwa neza mu bantu. info
التفاسير:

external-link copy
51 : 19

وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ مُوسَىٰٓۚ إِنَّهُۥ كَانَ مُخۡلَصٗا وَكَانَ رَسُولٗا نَّبِيّٗا

Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Musa yaratowe n’Imana Allah, yari Intumwa akaba n’Umuvugishwamana. info
التفاسير: