ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි

පිටු අංක:close

external-link copy
118 : 11

وَلَوۡ شَآءَ رَبُّكَ لَجَعَلَ ٱلنَّاسَ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗۖ وَلَا يَزَالُونَ مُخۡتَلِفِينَ

Iyo rero Imana yawe Rurema Allah Ishaka, Yari gutuma abantu bose baba umugwi umwe, ukurikira idini rimwe ry’ubwislamu. Abantu rero ntibazoreka kwicamwo imigwi; info
التفاسير:

external-link copy
119 : 11

إِلَّا مَن رَّحِمَ رَبُّكَۚ وَلِذَٰلِكَ خَلَقَهُمۡۗ وَتَمَّتۡ كَلِمَةُ رَبِّكَ لَأَمۡلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنَ ٱلۡجِنَّةِ وَٱلنَّاسِ أَجۡمَعِينَ

Kiretse abazogirirwa impuhwe n’Imana yawe Rurema Allah, bakagira amahirwe yo kuyemera. Ni muri iyo ntumbero rero, Imana Allah Yabaremye mu butandukane bwabo, maze umwe wese agahitamwo kimwe: inzira y’ubugororotsi canke iy’ubugaba. Kubera ivyo rero, isezerano ry’ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah rizotungana nk’uko Yasezeraniye ibiremwa Iti: “Ni ukuri, nta nkeka ko Nzokwuzuza mu muriro wa Jahannamu ibigaba bizokurikira Ibilisi mu majini no mu bantu”. info
التفاسير:

external-link copy
120 : 11

وَكُلّٗا نَّقُصُّ عَلَيۡكَ مِنۡ أَنۢبَآءِ ٱلرُّسُلِ مَا نُثَبِّتُ بِهِۦ فُؤَادَكَۚ وَجَآءَكَ فِي هَٰذِهِ ٱلۡحَقُّ وَمَوۡعِظَةٞ وَذِكۡرَىٰ لِلۡمُؤۡمِنِينَ

Ntumwa y’Imana! Izo rero ni inkuru zerekeye Intumwa zarungitswe aho hambere yawe Tuguciriyeko agace, Tukwiganira ibitsimbataza umushaha wawe ku gushikiriza ukuri ata guhigimanga. Muri iki gisomwa rero, warashikiriwe n’itomora ry’ukuri warungikanwe, inkebuzo ku bagarariji, n’urwibutso ku bemeramana. info
التفاسير:

external-link copy
121 : 11

وَقُل لِّلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ ٱعۡمَلُواْ عَلَىٰ مَكَانَتِكُمۡ إِنَّا عَٰمِلُونَ

Ntumwa y’Imana! Bwira rero abatemera Imana Imwe Rudende Allah uti: “Nimukore ivyo mukora vyose uko muvyipfuza mu kubangamira Intumwa n’abemeramana, na twe nyene dukora ivyo dukora vyose twubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
122 : 11

وَٱنتَظِرُوٓاْ إِنَّا مُنتَظِرُونَ

Muheze murindire kubona iherezo ryacu, mu vy’ukuri na twe ni nk’ukwo nyene turarindiriye kubona iherezo ryanyu”. info
التفاسير:

external-link copy
123 : 11

وَلِلَّهِ غَيۡبُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَإِلَيۡهِ يُرۡجَعُ ٱلۡأَمۡرُ كُلُّهُۥ فَٱعۡبُدۡهُ وَتَوَكَّلۡ عَلَيۡهِۚ وَمَا رَبُّكَ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ

Ubumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi, ni ubw’Imana Allah, impera n'imperuka vyose bizosubizwa kuri Yo ku musi w’izuka. Muvugishwamana! Kubera ivyo rero, shishikara kuyiyegereza mu vyo ukora vyose unayisenge utayibangikanya, wongere uyishimikize muri vyose, uyizere. Burya Imana yawe Rurema Allah, ntiyirengagiza na kimwe mu vyo mukora, kandi Izobibahembera. info
التفاسير: