Ewe Muvugishwamana! Ni kuki uziririza gufungura ivyo Imana Allah Yakurekuriye, urondera gushimisha abakenyezi bawe? Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimpuhwe ku batoni bayo.
Mu vy’ukuri Imana Allah, Yarabategetse kugira icuhagizo mu kuzirura ivyo mwarahiriye[1]. Imana Allah, ni Yo Muhagarikizi wanyu Nkinzoyabatoni, ni na Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.
[1] Ico cuhagizo rero co kuzirura ivyo umuntu yaziririje mu kurahira, ni ugufungurira abakene cumi, canke kubambika, canke guha ubwigenge umugurano. Uwudashoboye kugira kimwe muri vyo, araheza agapfunga imisi itatu.
Ibuka n’igihe Umuvugishwamana[2] yongorera umukenyezi wiwe Hafswa umukobwa wa Omari (Imana Allah Imwishimire) ko atagisubira gufungura ubuki, uyo mukenyezi amaze kumenyesha iyo nkuru Aisha umukobwa wa Abu Bakri (Imana Allah Imwishimire), Imana Allah na Yo Ikamenyesha Umuvugishwamana ko nya nkuru yamenyekanye, wa Muvugishwamana yaciye ahishuka umukenyezi wiwe Hafswa umukobwa wa Omari (Imana Allah Imwishimire) bimwe mu vyo yaseruye, araheza yirengagiza ibindi. Amaze kubimwiganira rero ido n’ido, wa mukenyezi yaramubajije ati: “Ni nde yabikubwiye?!”. Na we amwishura ati: “Nabibwiwe n’Imana Allah Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose”.
Abagararije mu guhakana ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bazohamagarwa igihe co kwinjizwa mu muriro udahera bati: “Emwe bahakanye! Ntimugire ico mwireguza kuri uno musi; mu vy’ukuri, murihwa ku vyo mwari mwarakoze kw’isi”.