Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti

external-link copy
44 : 5

إِنَّآ أَنزَلۡنَا ٱلتَّوۡرَىٰةَ فِيهَا هُدٗى وَنُورٞۚ يَحۡكُمُ بِهَا ٱلنَّبِيُّونَ ٱلَّذِينَ أَسۡلَمُواْ لِلَّذِينَ هَادُواْ وَٱلرَّبَّٰنِيُّونَ وَٱلۡأَحۡبَارُ بِمَا ٱسۡتُحۡفِظُواْ مِن كِتَٰبِ ٱللَّهِ وَكَانُواْ عَلَيۡهِ شُهَدَآءَۚ فَلَا تَخۡشَوُاْ ٱلنَّاسَ وَٱخۡشَوۡنِ وَلَا تَشۡتَرُواْ بِـَٔايَٰتِي ثَمَنٗا قَلِيلٗاۚ وَمَن لَّمۡ يَحۡكُم بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ

Mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twamanuye Tawurati irimwo uburongozi n’umuco werekana ingingo z’Imana Allah, zisungwa n’Abavugishwamana bicishije bugufi, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo mu gutunganiriza abayahudi. Izo ngingo rero kandi zikisungwa n’abasenzi hamwe n’abamenyi mu bayahudi, mu kwubahiriza ivyo baragijwe n’Abavugishwamana ko bigisha iyubahirizwa ry’ibiri mu Gitabu ca Tawurati, bakazoba ari n’ivyabona ko Abavugishwamana batunganirije abayahudi bisunze ingingo ziri muri Tawurati. Imana Allah Yabwiye abo basenzi n’abamenyi Iti: “Ntimugatinye rero abantu mu kwubahiriza ingingo zanje kuko ata co bazobungura, eka nta n’ico bazobicira, muraheza rero muntinye Jewe Allah, kandi ntimugafate Aayah zanje ngo muziguze ibintu vy’agaciro gato cane, canke ngo muzihindure mu kutubahiriza ingingo zanje”. Abatisunga rero ingingo zamanuwe n’Imana Allah mu gutunganiriza abantu, maze bakazihindagura canke bakazirenzako uruhu rw’amazi, bagaheza bakisunga izindi ngingo zitamanuwe na Yo, mu ntumbero yo guhakana ingingo zayo, abo rero ni bo bagarariji koko. info
التفاسير: