[35] Nko kubaza ingingo yerekeye ibintu bitigera bibaho, canke kubaza ingingo yerekeye ibintu mu gihe yotomorwa yobaberamwo amananiza; nk’igihe Al-Aqra’u mwene Haabisi yabaza ko ugushengerera ingoro ntagatifu ari ku mwaka ku mwaka. Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ikamwishura iti: “Iyo nishura nti: “Ego cane!”, ryaca riba itegeko ko mushengerera ingoro ntagatifu uko umwaka utashe, kandi ntimwari kubishobora namba”.