Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti

numero y'urupapuro:close

external-link copy
207 : 26

مَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يُمَتَّعُونَ

Ukuryoherwa muri nya buzima imyaka n’iyindi, ata co kwobamarira mu gihe batarigaya ku Mana Allah icaha c’ibangikanyamana! info
التفاسير:

external-link copy
208 : 26

وَمَآ أَهۡلَكۡنَا مِن قَرۡيَةٍ إِلَّا لَهَا مُنذِرُونَ

Nta ho vyakabaye rero ko Twebwe Allah, Duhana Tugahonya agacimbiri na kamwe k’abantu b’aho hambere, kiretse ko Twabanza kukarungikira Intumwa zikagabisha ku bihano vyacu; info
التفاسير:

external-link copy
209 : 26

ذِكۡرَىٰ وَمَا كُنَّا ظَٰلِمِينَ

Nya Ntumwa rero zigaheza zikibutsa nya gacimbiri kwubahiriza amabwirizwa yacu. Ntitwari kurenganya rero umugwi uwo ari wo wose w’abantu ngo Tuwuhane imbere yuko Tuwurungikira Intumwa. info
التفاسير:

external-link copy
210 : 26

وَمَا تَنَزَّلَتۡ بِهِ ٱلشَّيَٰطِينُ

Nta mashetani yigeze amanurira Qor’ani Intumwa Muhamadi nk’uko abagarariji bibwira; info
التفاسير:

external-link copy
211 : 26

وَمَا يَنۢبَغِي لَهُمۡ وَمَا يَسۡتَطِيعُونَ

Ico kizire rero ku mashetani, eka nta n’ico yoshobora; info
التفاسير:

external-link copy
212 : 26

إِنَّهُمۡ عَنِ ٱلسَّمۡعِ لَمَعۡزُولُونَ

Mu vy’ukuri, ayo mashetani ntashoboye no gusuma urusaku kw’ihishurirwa rya Qor’ani mu gihe imanuwe. info
التفاسير:

external-link copy
213 : 26

فَلَا تَدۡعُ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتَكُونَ مِنَ ٱلۡمُعَذَّبِينَ

Ntukabangikanye rero Imana Allah mu kuyisenga hamwe n’iyindi mana, wohava uba mu bahanirwa ibangikanyamana. info
التفاسير:

external-link copy
214 : 26

وَأَنذِرۡ عَشِيرَتَكَ ٱلۡأَقۡرَبِينَ

Ntumwa y’Imana! Gabisha rero ku bihano vy’Imana Allah abari hafi yawe, na canecane mu muryango wawe; info
التفاسير:

external-link copy
215 : 26

وَٱخۡفِضۡ جَنَاحَكَ لِمَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Uheze worohere mu mvugo n’ingiro abemeramana bagukurikiye, mu kwicisha bugufi no kubumvira impuhwe. info
التفاسير:

external-link copy
216 : 26

فَإِنۡ عَصَوۡكَ فَقُلۡ إِنِّي بَرِيٓءٞ مِّمَّا تَعۡمَلُونَ

Nibaca kubiri n’ingingo yawe, uraheza ubabwire uti: “Mu vy’ukuri jewe, nditandukanije n’ivyo mukora mw’ibangikanyamana”. info
التفاسير:

external-link copy
217 : 26

وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱلۡعَزِيزِ ٱلرَّحِيمِ

Maze wishimikize unizere Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
218 : 26

ٱلَّذِي يَرَىٰكَ حِينَ تَقُومُ

Ni Yo Ikubona mu gihe ugira usenge wenyene mu gicugu; info
التفاسير:

external-link copy
219 : 26

وَتَقَلُّبَكَ فِي ٱلسَّٰجِدِينَ

Ikabona n’ukungene ugira uri kumwe n’abayubamira mw’isengesho, haba mu gihe uhagaze, wunamye, wubamye canke wicaye; info
التفاسير:

external-link copy
220 : 26

إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ

Mu vy’ukuri Iyo Mana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva igisomwa, ininahaza n’itaziramana vyawe; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo ukora n’ivyo uzirikana. info
التفاسير:

external-link copy
221 : 26

هَلۡ أُنَبِّئُكُمۡ عَلَىٰ مَن تَنَزَّلُ ٱلشَّيَٰطِينُ

Bantu! Mbega ndababwire uwururukirwa na shetani uwo ari we? info
التفاسير:

external-link copy
222 : 26

تَنَزَّلُ عَلَىٰ كُلِّ أَفَّاكٍ أَثِيمٖ

Burya shetani, yururukira uwo wese yimonogoza mu kubesha, yuzuye ivyaha muri ba senyagara n’abapfumu; info
التفاسير:

external-link copy
223 : 26

يُلۡقُونَ ٱلسَّمۡعَ وَأَكۡثَرُهُمۡ كَٰذِبُونَ

Amashetani araheza agasuma urusaku mu kwumviriza inkuru y’ibivugwa mu biremwa vyo mw'ijuru; maze agahereza nya nkuru ba senyagara n’abapfumu, kandi abenshi muri bo barabesha. info
التفاسير:

external-link copy
224 : 26

وَٱلشُّعَرَآءُ يَتَّبِعُهُمُ ٱلۡغَاوُۥنَ

Burya n’abivuzi b’amazina bashingira ku kinyoma n’ububeshi, maze abahuvye inzira na bo bakabakurikira; info
التفاسير:

external-link copy
225 : 26

أَلَمۡ تَرَ أَنَّهُمۡ فِي كُلِّ وَادٖ يَهِيمُونَ

Ntumwa y’Imana! Ntiwabonye ko abivuzi b’amazina, bapfa ivyo bavuze batagira intumbero[11]; nk’intungwa yaciye ikiziriko itagira iyo iva n’iyo ija; info

[11] Mu guhonyanga agateka k’imiryango.

التفاسير:

external-link copy
226 : 26

وَأَنَّهُمۡ يَقُولُونَ مَا لَا يَفۡعَلُونَ

N’uko bavuga ivyo batigera bakora, bakivuga abanyabinyoma, bagatyoza imvugakuri! info
التفاسير:

external-link copy
227 : 26

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَذَكَرُواْ ٱللَّهَ كَثِيرٗا وَٱنتَصَرُواْ مِنۢ بَعۡدِ مَا ظُلِمُواْۗ وَسَيَعۡلَمُ ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ أَيَّ مُنقَلَبٖ يَنقَلِبُونَ

Havuyemwo gusa abivuzi b’amazina bemeye bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bakananinahaza batazira cane Imana Allah, bagaheza rero bakivuga amazina mu guharanira ubwislamu[12] no kurwanira Intumwa y'Imana mu kwishura abivuzi b’amazina b’abagarariji. Abirenganije rero mw’ibangikanyamana[13], bazoteba bamenye ingaruka mbi cane zibarindiriye. info

[12] Nko kwigisha ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende, gutsimbataza urupfasoni n’imigenzo myiza, n’izindi nyigisho ngirakamaro.
[13] Hamwe no mu gutyoza agateka n’icubahiro c’abantu no kubakorera inteba ishushe.

التفاسير: