Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti

Al-Ambiyaa-i

external-link copy
1 : 21

ٱقۡتَرَبَ لِلنَّاسِ حِسَابُهُمۡ وَهُمۡ فِي غَفۡلَةٖ مُّعۡرِضُونَ

Iharurirwa ry’abantu ku vyo bakoze vuba bwango rirashika, mu gihe abagarariji bari mu gusamazwa n’ivy’isi, birengagiza iri gabishwa. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 21

مَا يَأۡتِيهِم مِّن ذِكۡرٖ مِّن رَّبِّهِم مُّحۡدَثٍ إِلَّا ٱسۡتَمَعُوهُ وَهُمۡ يَلۡعَبُونَ

Nta kintu na kimwe kibashikira kiva ku Mana yabo Rurema Allah muri Qor’ani, ngo kibabere urwibutso, kiretse ko bacumviriza batebura bakagifata minenegwe. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 21

لَاهِيَةٗ قُلُوبُهُمۡۗ وَأَسَرُّواْ ٱلنَّجۡوَى ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ هَلۡ هَٰذَآ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُكُمۡۖ أَفَتَأۡتُونَ ٱلسِّحۡرَ وَأَنتُمۡ تُبۡصِرُونَ

Imitima yabo yaragoswe n’ibihendamaso vy’isi bituma batanyurwa na Qor’ani. Ahubwo rero abirenganije mu Bakorayishi, bariherereye kugira ngo bapfundike mu mpisho ico bokora mu kuburagiza abantu kwemera Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), baraheza bakwiragiza igihuha bati: “Muhamadi si ikindi kiretse ko ari umuntu nkamwe. Karashize ingani ngo muje kwumviriza ubukonikoni bwa Qor’ani kandi mubona ko bushikirizwa n’umuntu asanzwe nkamwe!”. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 21

قَالَ رَبِّي يَعۡلَمُ ٱلۡقَوۡلَ فِي ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ

Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yabishuye ati: “Imana yanje Rurema Allah, Irazi ibivugwa mw’ijuru no kw’isi, ni na Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana”. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 21

بَلۡ قَالُوٓاْ أَضۡغَٰثُ أَحۡلَٰمِۭ بَلِ ٱفۡتَرَىٰهُ بَلۡ هُوَ شَاعِرٞ فَلۡيَأۡتِنَا بِـَٔايَةٖ كَمَآ أُرۡسِلَ ٱلۡأَوَّلُونَ

Ahubwo rero, abagarariji bahakana bivuye inyuma n'ibigirankana Qor’ani; muri bo, harimwo abavuga ko Qor’ani ari indoto z’uwurazirana ata kuri kurimwo; hakaba n’abandi bavuga ko ahubwo ari amajambo y’irementanya; hari n’abinamura mu kuvuga ko Muhamadi ari umwivuzi w’amazina y’ab’aho hambere; niyaba rero ashaka ko tumwemera, arazana igitangaro gifadika; nk’ibitangaro vyahawe ab’aho hambere yiwe[1]. info

[1] Nk’ingamiya yahawe Swalehe n’ibitangaro vyahawe Musa na Isa (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah),

التفاسير:

external-link copy
6 : 21

مَآ ءَامَنَتۡ قَبۡلَهُم مِّن قَرۡيَةٍ أَهۡلَكۡنَٰهَآۖ أَفَهُمۡ يُؤۡمِنُونَ

Imbere y’abagarariji b’i Makka, nta banyagacimbiri na bamwe bigeze bemera kuko bahawe ibitangaro basavye Intumwa zabo, ahubwo barahakanye bivuye inyuma nya bitangaro, maze Turabahonya. Vyoshoboka gute rero ko abagarariji b’i Makka bokwemera babanje guhabwa ibitangaro! info
التفاسير:

external-link copy
7 : 21

وَمَآ أَرۡسَلۡنَا قَبۡلَكَ إِلَّا رِجَالٗا نُّوحِيٓ إِلَيۡهِمۡۖ فَسۡـَٔلُوٓاْ أَهۡلَ ٱلذِّكۡرِ إِن كُنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ

Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Ntitwigeze Dutuma mu bantu b’aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa mu bantu b’abagabo baba mu bisagara, eka ntibari mu bamalayika namba, Tugaheza rero Tugahishurira nya Ntumwa amabwirizwa yacu. Babangikanyamana! Nimwaba mutemera ivyo, murabaza abamenyi mu bahawe Ibitabu, bazobabwira ko Intumwa zose zarungitswe zava mu bantu b’abagabo, nimwaba mutazi ko vyari ukwo. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 21

وَمَا جَعَلۡنَٰهُمۡ جَسَدٗا لَّا يَأۡكُلُونَ ٱلطَّعَامَ وَمَا كَانُواْ خَٰلِدِينَ

Kandi nya Ntumwa, ntitwaziremye ari ibitumbatumba gusa mu buryo butandukanye n’abantu, ngo ntizikenere gufungura no kunywa, eka ntizanabayeho ibihe bidahera ngo ntizipfe. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 21

ثُمَّ صَدَقۡنَٰهُمُ ٱلۡوَعۡدَ فَأَنجَيۡنَٰهُمۡ وَمَن نَّشَآءُ وَأَهۡلَكۡنَا ٱلۡمُسۡرِفِينَ

Hanyuma Twarashiriye mu ngiro nya Ntumwa isezerano ry’intsinzi, Turaheza Turazirokora ziri kumwe n’abo Dushatse mu bazikurikiye, maze Duhonya abimonogoje mu bugarariji. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 21

لَقَدۡ أَنزَلۡنَآ إِلَيۡكُمۡ كِتَٰبٗا فِيهِ ذِكۡرُكُمۡۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ

Ni ukuri, Twarabamanuriye Igitabu ca Qor’ani kirimwo iteka n’icubahiro canyu kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nimwaba mwibuka. Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure ko mwatewe iteka gusumba abandi! info
التفاسير: