Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti

Al-Baqara

external-link copy
1 : 2

الٓمٓ

Alif Laam Miim. Ni zimwe mu ndome z’ururimi rw’icarabu, Imana Allah Yatanguje bimwe mu bisomwa vya Qor’ani, kugira Ihige n’Abarabu basanzwe bakoresha izo ndome, ko boshobora kuzana Aayah n’imwe isa mu mvugo na Qor’ani, birabananira. Ico gica kiba igitangaro cemeza ko Qor’ani ari Igitabu c’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 2

ذَٰلِكَ ٱلۡكِتَٰبُ لَا رَيۡبَۛ فِيهِۛ هُدٗى لِّلۡمُتَّقِينَ

Ico Gitabu ca Qor’ani nta makenga kirimwo kuko camanuwe n’Imana Allah. Ni uburongozi ku bagamburukiramana. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 2

ٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡغَيۡبِ وَيُقِيمُونَ ٱلصَّلَوٰةَ وَمِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ يُنفِقُونَ

Abemera[1] ibinyegejwe ibiremwa[2], bagatsimbataza amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo nk’uko bitegetswe, bagatanga ishikanwa-bwirizwa (Zakat) n’izindi mperezwa (Sadaka) mu vyo Imana Allah Yabahaye. info

[1] Ukwemera, ni ijambo ryo kwemanga wemera ata makenga ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo, Intumwa zayo, umusi w’imperuka, ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ry'avyo: ineza n’inabi. Ukwemera rero, gutegerezwa gushimangirwa mu mvugo n’ingiro, maze umutima ukemanga, ururimi rukavyatura, ibihimba na vyo bigashira mu ngiro ivyo umutima wemanze.
[2] Ibinyegejwe ibiremwa, ni birya vyose umuntu asabwa kwemera kandi adashoboye kubimenya kiretse mu gihe bihishuwe n’Imana Allah, biciye ku Ntumwa zayo; nko kwemera abamalayika, Ubwami bw’ijuru n’umuriro udahera, n’ibindi.

التفاسير:

external-link copy
4 : 2

وَٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيۡكَ وَمَآ أُنزِلَ مِن قَبۡلِكَ وَبِٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ يُوقِنُونَ

N’abemera ivyo wahishuriwe muri Qor’ani ewe Ntumwa y’Imana, bakanemera n’ivyahishuriwe izindi Ntumwa zo hambere yawe, bakemera ata gukekeranya ibizoba mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 2

أُوْلَٰٓئِكَ عَلَىٰ هُدٗى مِّن رَّبِّهِمۡۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ

Abo barangwa n’ivyo, ni bo bari mu nzira y’uburongozi bw’Imana yabo Rurema Allah. Abo ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير: