Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti

numero y'urupapuro:close

external-link copy
26 : 19

فَكُلِي وَٱشۡرَبِي وَقَرِّي عَيۡنٗاۖ فَإِمَّا تَرَيِنَّ مِنَ ٱلۡبَشَرِ أَحَدٗا فَقُولِيٓ إِنِّي نَذَرۡتُ لِلرَّحۡمَٰنِ صَوۡمٗا فَلَنۡ أُكَلِّمَ ٱلۡيَوۡمَ إِنسِيّٗا

Uheze urye kuri nya tende, unywe no ku mazi y’uwo mugende, maze utekane ku mutima n’ikibondo cawe. Nihagira uwo ubona mu bantu, akakubaza ku vyagushikiye, uraheza umwishure uti: “Jewe mu vy’ukuri, niyemeje kuri Nyenimpuhwe Allah kwinumira[378]; kubera ivyo rero, kuri uno musi simvugisha umuntu n’umwe””. info

[378] Ico gihe ukunuma, umuntu avyiyemeje, kwari mu bikorwa vyo kwiyegereza ku Mana Allah. Iryo bwirizwa ryarakuwe mu mabwirizwa yahawe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

التفاسير:

external-link copy
27 : 19

فَأَتَتۡ بِهِۦ قَوۡمَهَا تَحۡمِلُهُۥۖ قَالُواْ يَٰمَرۡيَمُ لَقَدۡ جِئۡتِ شَيۡـٔٗا فَرِيّٗا

Ni ho Mariyamu yagaruka ku bantu biwe ateruye umwana. Bagize ngo baramubonye, bihaye akamo bamubwira bati: “Ewe Mariyamu! Ni ukuri, wadukanye ikintu c’irementanya ritabaho!; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 19

يَٰٓأُخۡتَ هَٰرُونَ مَا كَانَ أَبُوكِ ٱمۡرَأَ سَوۡءٖ وَمَا كَانَتۡ أُمُّكِ بَغِيّٗا

Ewe mushiki w’umweranda Haruna, so wawe ntiyigeze aba umuntu w’ingeso mbi zo gushurashura, eka na nyoko nyene ntiyigeze aba umushurashuzi”. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 19

فَأَشَارَتۡ إِلَيۡهِۖ قَالُواْ كَيۡفَ نُكَلِّمُ مَن كَانَ فِي ٱلۡمَهۡدِ صَبِيّٗا

Mariyamu yaberetse n’ukuboko ati: “Nimubaze uyu mwana nteruye!”. Na bo baca bamwishura bamwiyamiriza bati: “Vyoshoboka gute ko tuvugana n’umwana muto akiri ku bibero aconka!”. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 19

قَالَ إِنِّي عَبۡدُ ٱللَّهِ ءَاتَىٰنِيَ ٱلۡكِتَٰبَ وَجَعَلَنِي نَبِيّٗا

Ni ho rero Isa yabishura aconka, ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndi Umuja w’Imana Allah, Imana Allah Yageze kumpa Igitabu c’Injili, Ingira n’Intumwa; info
التفاسير:

external-link copy
31 : 19

وَجَعَلَنِي مُبَارَكًا أَيۡنَ مَا كُنتُ وَأَوۡصَٰنِي بِٱلصَّلَوٰةِ وَٱلزَّكَوٰةِ مَا دُمۡتُ حَيّٗا

Yampaye n’imihezagiro aho nzoba ndi hose, Yongera Indaga gutsimbataza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa mu gihe cose nzoba nkiri muzima; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 19

وَبَرَّۢا بِوَٰلِدَتِي وَلَمۡ يَجۡعَلۡنِي جَبَّارٗا شَقِيّٗا

Ingira umwana yubaha akubahiriza umuvyeyi wiwe, ntiyangize umuntu w’akanyaro, w’intumva; info
التفاسير:

external-link copy
33 : 19

وَٱلسَّلَٰمُ عَلَيَّ يَوۡمَ وُلِدتُّ وَيَوۡمَ أَمُوتُ وَيَوۡمَ أُبۡعَثُ حَيّٗا

Ndakagira rero amahoro y’Imana Allah ku musi mvuka, ku musi napfuye no ku musi nazutse ngasubizwa ubuzima”. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 19

ذَٰلِكَ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَۖ قَوۡلَ ٱلۡحَقِّ ٱلَّذِي فِيهِ يَمۡتَرُونَ

Ntumwa y’Imana! Iyo nkuru rero Tukwiganiye ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu, ni ryo jambo ry’ukuri abayahudi n’abanaswara bahazanako. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 19

مَا كَانَ لِلَّهِ أَن يَتَّخِذَ مِن وَلَدٖۖ سُبۡحَٰنَهُۥٓۚ إِذَا قَضَىٰٓ أَمۡرٗا فَإِنَّمَا يَقُولُ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ

Nta ho vyigeze biba ko Imana Allah Yigenera umwana mu biremwa vyayo, nihaninahazwe Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bavuga. Iyo Imana Allah Ishatse gushira mu ngiro ikintu ico ari co cose mu vyagezwe, ni ukuri Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene. info
التفاسير:

external-link copy
36 : 19

وَإِنَّ ٱللَّهَ رَبِّي وَرَبُّكُمۡ فَٱعۡبُدُوهُۚ هَٰذَا صِرَٰطٞ مُّسۡتَقِيمٞ

Isa mwene Mariyamu yabwiye abantu yarungitsweko ati: “Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Mana yanje Rurema, Ikaba n’Imana yanyu Rurema. Kubera ivyo rero, nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya, iyi ni yo nzira igororotse”. info
التفاسير:

external-link copy
37 : 19

فَٱخۡتَلَفَ ٱلۡأَحۡزَابُ مِنۢ بَيۡنِهِمۡۖ فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن مَّشۡهَدِ يَوۡمٍ عَظِيمٍ

Abahawe Igitabu bariciyemwo imigwi ku kubera ihazana ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Abanaswara barahayagije Isa mwene Mariyamu bararenza, muri bo harimwo abamwise imana, hari n’abamwise umwana w’imana, harimwo n’abamushize mu butatu butagatifu. Nayo abayahudi bo baramwirengagije, bamwita ko ari umurozi, harimwo n’abamwise umwana wa Yusufu umubaji. Uguhona nya guhona rero, ni ukw’abagararije bagahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero w’isi, n'izuka ry'ibiremwa. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 19

أَسۡمِعۡ بِهِمۡ وَأَبۡصِرۡ يَوۡمَ يَأۡتُونَنَا لَٰكِنِ ٱلظَّٰلِمُونَ ٱلۡيَوۡمَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ

Burya ukwumva n’ukubona kwabo, bizoba bitangaje koko[379] umusi baje iwacu Twebwe Allah ku musi w’izuka! Ahubwo abirenganije kuri uno musi kw’isi, bari mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri. info

[379] Ico gihe bazoba bashoboye koko kwumva no kubona; ariko ukwumva n’ukubona, nta co bizobamarira ku musi w’izuka.

التفاسير: