Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti

external-link copy
72 : 16

وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّنۡ أَنفُسِكُمۡ أَزۡوَٰجٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّنۡ أَزۡوَٰجِكُم بَنِينَ وَحَفَدَةٗ وَرَزَقَكُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِۚ أَفَبِٱلۡبَٰطِلِ يُؤۡمِنُونَ وَبِنِعۡمَتِ ٱللَّهِ هُمۡ يَكۡفُرُونَ

Imana Allah Yabaremeye abakenyezi musangiye inkomoko ya kiremwa-muntu kugira muturure; Ibagenera kuvyarana na bo, abana n’abuzukuru bazobakomokako, Iranabaronsa ivyiza birekuwe mu vyamwa, ibinyantete n’inyama, n’ibindi. Aho rero karashize ingani, abantu bemere ikinyoma gishingiye kw’isengwa ry’ibigirwamana, baheze bakanagare bihakane inema z’Imana Allah, zotuma ari Yo bakwiye gusenga ari Imwe Rudende, batayibangikanya!. info
التفاسير: