Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti

external-link copy
95 : 7

ثُمَّ بَدَّلۡنَا مَكَانَ ٱلسَّيِّئَةِ ٱلۡحَسَنَةَ حَتَّىٰ عَفَواْ وَّقَالُواْ قَدۡ مَسَّ ءَابَآءَنَا ٱلضَّرَّآءُ وَٱلسَّرَّآءُ فَأَخَذۡنَٰهُم بَغۡتَةٗ وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ

Hanyuma rero, Twarabahindurira nya buzima bw’amagorwa, Tukabaha ubuzima buhimbaye gushika n’aho batunga bagatunganirwa, kugira bikebuke. Ha kwikebuka rero, bararendegeye barinamura bavuga bati: “Ivy’isi, ni uko bigenda! Imisi irasa ntingana. Abavyeyi bacu, na bo nyene barashikirwa n’indwara n’amaganya no kuroranirwa mu buzima!”. Muri ico gihe rero, Twaca Tubahana giturumbuka ata vyo bari biteze. info
التفاسير: