Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti

external-link copy
19 : 6

قُلۡ أَيُّ شَيۡءٍ أَكۡبَرُ شَهَٰدَةٗۖ قُلِ ٱللَّهُۖ شَهِيدُۢ بَيۡنِي وَبَيۡنَكُمۡۚ وَأُوحِيَ إِلَيَّ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانُ لِأُنذِرَكُم بِهِۦ وَمَنۢ بَلَغَۚ أَئِنَّكُمۡ لَتَشۡهَدُونَ أَنَّ مَعَ ٱللَّهِ ءَالِهَةً أُخۡرَىٰۚ قُل لَّآ أَشۡهَدُۚ قُلۡ إِنَّمَا هُوَ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞ وَإِنَّنِي بَرِيٓءٞ مِّمَّا تُشۡرِكُونَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni igiki coba icabona gihambaye cemeza ko ndi Intumwa y’Imana vy’ukuri!”. Nibatakwishura, uraca ubabwira uti: “Imana Allah ni co Cabona hagati yanje na mwe Cemeza ko ndi Intumwa, Kikanamenya neza n’ivyo muvuga. Yaranampishuriye Qor’ani kugira ndabagabishe ntimuzohanwe, nongere ngabishe n’imigwi y’abantu izoshikirwa na Qor’ani uko izogenda ikurakuranwa kw’isi. Mbega mwokwemanga mu vy’ukuri ko hariho izindi mana zibangikanije n’Imana Allah!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe singiye kuba icabona ku vyo mwemanze”. Babwire uti: “Ni ukuri Allah ni Imana Imwe Rudende. Kandi jewe mu vy’ukuri, nditandukanije n’ivyo muyibangikanya vyose”. info
التفاسير: