Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
29 : 46

وَإِذۡ صَرَفۡنَآ إِلَيۡكَ نَفَرٗا مِّنَ ٱلۡجِنِّ يَسۡتَمِعُونَ ٱلۡقُرۡءَانَ فَلَمَّا حَضَرُوهُ قَالُوٓاْ أَنصِتُواْۖ فَلَمَّا قُضِيَ وَلَّوۡاْ إِلَىٰ قَوۡمِهِم مُّنذِرِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Tukurungikira umugwi w’Amajini, kugira ngo yumvirize Qor’ani wariko urasoma, amaze kugushikira abwirana hagati yayo ati: “Nimucereze twumvirize Qor’ani”. Intumwa rero imaze kurangiza gusoma Qor’ani, nya mugwi w’Amajini waciye usubira kuri benewabo, uraheza urabagabisha ko bokwibonerako mu kuronka ibihano vy’Imana Allah, mu gihe bokwanka kwemera. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 46

قَالُواْ يَٰقَوۡمَنَآ إِنَّا سَمِعۡنَا كِتَٰبًا أُنزِلَ مِنۢ بَعۡدِ مُوسَىٰ مُصَدِّقٗا لِّمَا بَيۡنَ يَدَيۡهِ يَهۡدِيٓ إِلَى ٱلۡحَقِّ وَإِلَىٰ طَرِيقٖ مُّسۡتَقِيمٖ

Nya Majini araheza avuga ati: “Emwe benewacu! Mu vy’ukuri twebwe, twumvise Igitabu camanuwe mu nyuma ya Musa, gishimangira ukuri kuri mu Bitabu vyo hambere yaco vyamanuwe n’Imana Allah ku Ntumwa zayo, kirongora mu kuri no mu nzira igororotse; info
التفاسير:

external-link copy
31 : 46

يَٰقَوۡمَنَآ أَجِيبُواْ دَاعِيَ ٱللَّهِ وَءَامِنُواْ بِهِۦ يَغۡفِرۡ لَكُم مِّن ذُنُوبِكُمۡ وَيُجِرۡكُم مِّنۡ عَذَابٍ أَلِيمٖ

Emwe benewacu! Enda nyabuna rero, nimwumvire Intumwa y’Imana Muhamadi ku vyo ibararikira, maze muyemere, mugendere n’ivyo ibigisha, gutyo Imana Allah Ice Ibagumiriza akabanga ku vyaha vyanyu, Iheze Ibababarire, Yongere Ibakingire n’ibihano bibabaza vyo mu muriro udahera; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 46

وَمَن لَّا يُجِبۡ دَاعِيَ ٱللَّهِ فَلَيۡسَ بِمُعۡجِزٖ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَيۡسَ لَهُۥ مِن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءُۚ أُوْلَٰٓئِكَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٍ

Aboramuka rero banse kwumvira Intumwa y’Imana Muhamadi ku vyo ibararikira, nibamenye ko badashobora kunanira Imana Allah ko Ibahanira aho hose bazoba bari kw’isi; muri ico gihe, nta muhagarikizi n’umwe atari Imana Allah bazoronka yobakura mu bihano vyayo. Abo, ni bo rero bari mu muzimagiza ugaragara uri kure cane y’ukuri”. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 46

أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّ ٱللَّهَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَلَمۡ يَعۡيَ بِخَلۡقِهِنَّ بِقَٰدِرٍ عَلَىٰٓ أَن يُحۡـِۧيَ ٱلۡمَوۡتَىٰۚ بَلَىٰٓۚ إِنَّهُۥ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ

Mbega abahakana izurwa ry’ibiremwa baragoswe, ntibamenya ko Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu buryo buhimbaye ata n’ico Irinze gufatirako, Itanaruhishijwe n’iremwa ryavyo, Ishoboye gusubiza ubuzima abapfuye maze bakazuka! Ego cane Irabishoboye. Mu vy’ukuri rero, ni Yo Mushoboravyose. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 46

وَيَوۡمَ يُعۡرَضُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ عَلَى ٱلنَّارِ أَلَيۡسَ هَٰذَا بِٱلۡحَقِّۖ قَالُواْ بَلَىٰ وَرَبِّنَاۚ قَالَ فَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡفُرُونَ

Umusi rero abagararije beretswe ibihano vy’umuriro kugira bahanwe, maze bakabazwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Ibi bihano si ivy’ukuri!”, bazokwishura n’agahinda n’akantu bati: “Ego cane turarahiye kw’izina ry’Imana yacu Rurema Allah, ko ari ivy’ukuri koko”. Maze bace babwirwa bati: “Nimuhonje rero ibihano biturutse ku kuntu mwahora mubihakana kw’isi”. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 46

فَٱصۡبِرۡ كَمَا صَبَرَ أُوْلُواْ ٱلۡعَزۡمِ مِنَ ٱلرُّسُلِ وَلَا تَسۡتَعۡجِل لَّهُمۡۚ كَأَنَّهُمۡ يَوۡمَ يَرَوۡنَ مَا يُوعَدُونَ لَمۡ يَلۡبَثُوٓاْ إِلَّا سَاعَةٗ مِّن نَّهَارِۭۚ بَلَٰغٞۚ فَهَلۡ يُهۡلَكُ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلۡفَٰسِقُونَ

Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ibangamira ry’abaguhakana nk’uko Inararibonye mu Ntumwa zihanganye hambere yawe[5]; kandi ntiwihutire gusaba ko abo warungitsweko bohanwa, burya igihe ibihano vyashitse bakabibona ukuri kwamye, ku kubera intureka zavyo, bazoba nk’aho batigeze baba kw’isi, kiretse isaha imwe yo ku murango. Iri rero, ni irarikwa kuri bo no ku bandi bose. Nta bazohonywa n’ibihano vy’Imana Allah, kiretse abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo. info

[5] Izo Nararibonye zihambaye, zatewe n’iteka kurusha izindi “Ulu l’Azmi”, ni zitanu: Nuhu, Ibrahimu, Musa, Isa na Muhamadi (ba nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).

التفاسير: