Nya Majini araheza avuga ati: “Emwe benewacu! Mu vy’ukuri twebwe, twumvise Igitabu camanuwe mu nyuma ya Musa, gishimangira ukuri kuri mu Bitabu vyo hambere yaco vyamanuwe n’Imana Allah ku Ntumwa zayo, kirongora mu kuri no mu nzira igororotse;
Aboramuka rero banse kwumvira Intumwa y’Imana Muhamadi ku vyo ibararikira, nibamenye ko badashobora kunanira Imana Allah ko Ibahanira aho hose bazoba bari kw’isi; muri ico gihe, nta muhagarikizi n’umwe atari Imana Allah bazoronka yobakura mu bihano vyayo. Abo, ni bo rero bari mu muzimagiza ugaragara uri kure cane y’ukuri”.
Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ibangamira ry’abaguhakana nk’uko Inararibonye mu Ntumwa zihanganye hambere yawe[5]; kandi ntiwihutire gusaba ko abo warungitsweko bohanwa, burya igihe ibihano vyashitse bakabibona ukuri kwamye, ku kubera intureka zavyo, bazoba nk’aho batigeze baba kw’isi, kiretse isaha imwe yo ku murango. Iri rero, ni irarikwa kuri bo no ku bandi bose. Nta bazohonywa n’ibihano vy’Imana Allah, kiretse abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo.
[5] Izo Nararibonye zihambaye, zatewe n’iteka kurusha izindi “Ulu l’Azmi”, ni zitanu: Nuhu, Ibrahimu, Musa, Isa na Muhamadi (ba nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).