Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
174 : 3

فَٱنقَلَبُواْ بِنِعۡمَةٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَفَضۡلٖ لَّمۡ يَمۡسَسۡهُمۡ سُوٓءٞ وَٱتَّبَعُواْ رِضۡوَٰنَ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ ذُو فَضۡلٍ عَظِيمٍ

Ni ho rero abemeramana bagaruka i Madina bavuye aho hitwa “Hamraa-a l-Asad”, bari mu nema y’umutekano n’ingabirano bivuye ku Mana Allah, ata n’umwe muri bo yabangamiwe ngo akomeretswe canke ngo yicwe, kuko umwansi yapfuye coba ntiyaseruka ku rugamba, gutyo bakurikira ishimwa ry’Imana Allah mu kuyumvira, Yo hamwe n’Intumwa yayo. Burya kandi rero Imana Allah ni Nyenimpano nyinshi zihambaye ku biremwa. info
التفاسير:

external-link copy
175 : 3

إِنَّمَا ذَٰلِكُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ يُخَوِّفُ أَوۡلِيَآءَهُۥ فَلَا تَخَافُوهُمۡ وَخَافُونِ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ

Uwo yaje kubatera ubwoba, ni shetani itera ubwoba abemeramana bwo kudahangana n’abatabazi bayo mu babangikanyamana. Kubera ivyo rero, ntimukabatinye na gato, nta co bashoboye kubagira. Muraheza rero nyabuna muntinye Jewe Allah mu kunyumvira nimwaba munyemera mukanemera n’Intumwa yanje. info
التفاسير:

external-link copy
176 : 3

وَلَا يَحۡزُنكَ ٱلَّذِينَ يُسَٰرِعُونَ فِي ٱلۡكُفۡرِۚ إِنَّهُمۡ لَن يَضُرُّواْ ٱللَّهَ شَيۡـٔٗاۚ يُرِيدُ ٱللَّهُ أَلَّا يَجۡعَلَ لَهُمۡ حَظّٗا فِي ٱلۡأٓخِرَةِۖ وَلَهُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٌ

Ntumwa y’Imana! Ntugaterwe intuntu n’abihutira kugarariza, mu vy’ukuri, nta co bazokwicira Imana Allah, ahubwo ni bo bazokwiyicira vyinshi, Imana Allah Ishaka kutazobaha indishi mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Baranategekanirijwe ibihano bihambaye. info
التفاسير:

external-link copy
177 : 3

إِنَّ ٱلَّذِينَ ٱشۡتَرَوُاْ ٱلۡكُفۡرَ بِٱلۡإِيمَٰنِ لَن يَضُرُّواْ ٱللَّهَ شَيۡـٔٗاۖ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ

Mu vy’ukuri, abiguze ubugarariji ha kwemera, nta na kimwe bazokwicira Imana Allah. Baranategekanirijwe ibihano bibabaza. info
التفاسير:

external-link copy
178 : 3

وَلَا يَحۡسَبَنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَنَّمَا نُمۡلِي لَهُمۡ خَيۡرٞ لِّأَنفُسِهِمۡۚ إِنَّمَا نُمۡلِي لَهُمۡ لِيَزۡدَادُوٓاْ إِثۡمٗاۖ وَلَهُمۡ عَذَابٞ مُّهِينٞ

Abagararije mu guhakana bivuye inyuma, iyo Tubahaye kuramba, Tukabaha n’ibisayangana kw’isi, ntitwihutire kubahanira ivyaha vyabo, ntibakibwire ko Tuba Tubahaye ivyiza; ni ukuri, Dutenyenya kubahana kugira barendegere mu bukozi bw’ikibi n’akarenganyo. Baranategekanirijwe ibihano bisuzuguza. info
التفاسير:

external-link copy
179 : 3

مَّا كَانَ ٱللَّهُ لِيَذَرَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ عَلَىٰ مَآ أَنتُمۡ عَلَيۡهِ حَتَّىٰ يَمِيزَ ٱلۡخَبِيثَ مِنَ ٱلطَّيِّبِۗ وَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيُطۡلِعَكُمۡ عَلَى ٱلۡغَيۡبِ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ يَجۡتَبِي مِن رُّسُلِهِۦ مَن يَشَآءُۖ فَـَٔامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرُسُلِهِۦۚ وَإِن تُؤۡمِنُواْ وَتَتَّقُواْ فَلَكُمۡ أَجۡرٌ عَظِيمٞ

Imana Allah ntiyari kureka abemeramana koko ngo babandanye babana n’indyarya, Itabanje kubatandukanya mu kugaragaza umubi arangwa n’uburyarya, n’umwiza arangwa n’ukwemera koko, gutyo hakamenyekana uwemera Imana Allah, hakanamenyekana n’indyarya muri mwebwe. Ntivyari no mu ntumbero y’Imana Allah kubahishurira ibinyegejwe ibiremwa kugira mwibonere indyarya muyimenye, ahubwo Imana Allah Igaragaza uwemera n’indyarya mw’igeragezwa ku bibashikira. Ariko Imana Allah, Ihitamwo uwo Ishatse mu Ntumwa zayo, Ikamuhishurira bimwe mu binyegejwe ibiremwa, maze nya Ntumwa igaheza igatandukanya uwemera n’indyarya. Kubera ivyo rero, nimushishikare mwemera Imana Allah n’Intumwa yayo. Nimwaramuka mwemeye vy’ukuri mukanagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muzoheza muronke impembo zihambaye. info
التفاسير:

external-link copy
180 : 3

وَلَا يَحۡسَبَنَّ ٱلَّذِينَ يَبۡخَلُونَ بِمَآ ءَاتَىٰهُمُ ٱللَّهُ مِن فَضۡلِهِۦ هُوَ خَيۡرٗا لَّهُمۖ بَلۡ هُوَ شَرّٞ لَّهُمۡۖ سَيُطَوَّقُونَ مَا بَخِلُواْ بِهِۦ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ وَلِلَّهِ مِيرَٰثُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ

Ingumyi zidatanga mu mpano Imana Allah Yazihaye, ntizikiyumvire ko ukwo kudatanga ari yo neza kuri zo, ahubwo ni inabi kuri zo. Amatungo zegeranije zikareka kuyatanga, zizoyambikwa mw’izosi yahindutse umuriro ku musi w’izuka. Burya rero Imana Allah ni Yo Mwami w’abami Ikaba na Samuragwa w’amajuru n’isi n’ibiri muri vyo igihe ibiremwa vyose bizoba vyahonye. Kandi ivyo mukora vyose rero Irabizi, ni Muhetuziwavyose, Izobibahembera. info
التفاسير: