Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
75 : 18

۞ قَالَ أَلَمۡ أَقُل لَّكَ إِنَّكَ لَن تَسۡتَطِيعَ مَعِيَ صَبۡرٗا

Khadwiri araheza abwira Musa amwibutsa kandi ivyo basezeranye ati: “Sinari nakubwiye ko mu vy’ukuri, wewe udashobora kwihanganira kugumana nanje!”. info
التفاسير:

external-link copy
76 : 18

قَالَ إِن سَأَلۡتُكَ عَن شَيۡءِۭ بَعۡدَهَا فَلَا تُصَٰحِبۡنِيۖ قَدۡ بَلَغۡتَ مِن لَّدُنِّي عُذۡرٗا

Musa yishura Khadwiri ati: “Ninasubira kukubaza ku kintu na kimwe inyuma y’aha, ntubandanye uri kumwe nanje, ni ukuri wanyihanganiye bikwiye, kandi wari wamburiye ko ntashobora kwihanganira ivyo ugira turi kumwe”. info
التفاسير:

external-link copy
77 : 18

فَٱنطَلَقَا حَتَّىٰٓ إِذَآ أَتَيَآ أَهۡلَ قَرۡيَةٍ ٱسۡتَطۡعَمَآ أَهۡلَهَا فَأَبَوۡاْ أَن يُضَيِّفُوهُمَا فَوَجَدَا فِيهَا جِدَارٗا يُرِيدُ أَن يَنقَضَّ فَأَقَامَهُۥۖ قَالَ لَوۡ شِئۡتَ لَتَّخَذۡتَ عَلَيۡهِ أَجۡرٗا

Musa na Khadwiri baraheza barabandanya urugendo, baca mu gacimbiri kari aho, maze basaba abantu bakabamwo ko bobazimana induhuro y’umushitsi, ba bantu baranka kubazimana. Ni ho basanga muri nya gacimbiri uruhome rwari mu guhenuka, Khadwiri araheza asanura nya ruhome ruragororoka, maze Musa aca abwira Khadwiri ati: “Vyari kuba vyiza usavye impembo kuri ico gikorwa co gusanura uruhome, kugira dusume ivyo dufungura, mu gihe na bo batwimye induhuro y’umushitsi”. info
التفاسير:

external-link copy
78 : 18

قَالَ هَٰذَا فِرَاقُ بَيۡنِي وَبَيۡنِكَۚ سَأُنَبِّئُكَ بِتَأۡوِيلِ مَا لَمۡ تَسۡتَطِع عَّلَيۡهِ صَبۡرًا

Ni ho Khadwiri yabwira Musa ati: “Aho vyakabereye, ubu rero, harageze ko dutandukana, untunge unkundire ndakwiganire imvo n’imvano y’ivyo nagiye ndagira vyakunaniye kwihanganira; info
التفاسير:

external-link copy
79 : 18

أَمَّا ٱلسَّفِينَةُ فَكَانَتۡ لِمَسَٰكِينَ يَعۡمَلُونَ فِي ٱلۡبَحۡرِ فَأَرَدتُّ أَنۡ أَعِيبَهَا وَكَانَ وَرَآءَهُم مَّلِكٞ يَأۡخُذُ كُلَّ سَفِينَةٍ غَصۡبٗا

Nayo ubwato nomoyeko urubaho bukononekara, bwari ubw’abakene batagira shinge na rugero, bakorera mu bijanye no kwunguruza ibintu n’abantu mw’ibahari, nca nshaka kubutera akanenge kuko hirya ya nya bakene, hari umwami yambura akigarurira ubwato bwose abonye bugikomeye; info
التفاسير:

external-link copy
80 : 18

وَأَمَّا ٱلۡغُلَٰمُ فَكَانَ أَبَوَاهُ مُؤۡمِنَيۡنِ فَخَشِينَآ أَن يُرۡهِقَهُمَا طُغۡيَٰنٗا وَكُفۡرٗا

Nayo wa musore nafata nkaca ndamwica, mu vyagezwe kuri we, yobaye umugarariji mu gihe abavyeyi biwe ari abemeramana, ni ho rero twagira impungenge ko mu gihe nya musore yokura, yohava abera abavyeyi biwe imvo yo kugagaza no kugarariza, bivanye n’uko bamwikorako mu twankenerwa; info
التفاسير:

external-link copy
81 : 18

فَأَرَدۡنَآ أَن يُبۡدِلَهُمَا رَبُّهُمَا خَيۡرٗا مِّنۡهُ زَكَوٰةٗ وَأَقۡرَبَ رُحۡمٗا

Hari mu ntumbero rero yo gushaka ko nya bavyeyi, Imana yabo Rurema Allah Yobaha uwundi mwana azobabera intore, akabubaha akabubahiriza; info
التفاسير:

external-link copy
82 : 18

وَأَمَّا ٱلۡجِدَارُ فَكَانَ لِغُلَٰمَيۡنِ يَتِيمَيۡنِ فِي ٱلۡمَدِينَةِ وَكَانَ تَحۡتَهُۥ كَنزٞ لَّهُمَا وَكَانَ أَبُوهُمَا صَٰلِحٗا فَأَرَادَ رَبُّكَ أَن يَبۡلُغَآ أَشُدَّهُمَا وَيَسۡتَخۡرِجَا كَنزَهُمَا رَحۡمَةٗ مِّن رَّبِّكَۚ وَمَا فَعَلۡتُهُۥ عَنۡ أَمۡرِيۚ ذَٰلِكَ تَأۡوِيلُ مَا لَمۡ تَسۡطِع عَّلَيۡهِ صَبۡرٗا

Nayo rwa ruhome rwari mu guhenuka nkarusanura rugaheza rukagororoka, rwari urw’abana babiri b’impfuvyi baba muri kirya gisagara nyene, musi ya nya ruhome hari hanyegeje ubutunzi basigiwe n’umuvyeyi wabo bugizwe n’inzahabu n’umwakaka, umuvyeyi wabo na we akaba yari umuntu w’umweranda. Ni ho rero Imana yawe Rurema Allah Yashaka ko bagera mu bigero, bagaheza bakimba musi ya nya ruhome, bakaronka nya butunzi ku mpuhwe z’Imana yawe Rurema Allah. Ivyo vyose rero nakoze, sinabikoze ku bushake bwanje, ahubwo nabikoze kw’ibwirizwa ry’Imana Allah. Ng’izo rero imvo n’imvano zatumye nkora ivyo utashoboye kwihanganira kureka kumbaza no kunyiyama gushika ndakwiganiye igituma nabikoze”. info
التفاسير:

external-link copy
83 : 18

وَيَسۡـَٔلُونَكَ عَن ذِي ٱلۡقَرۡنَيۡنِۖ قُلۡ سَأَتۡلُواْ عَلَيۡكُم مِّنۡهُ ذِكۡرًا

Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku nkuru y’umwami mweranda Dhu l-Qarnayini[10]! Bishure uti: “Mpava ndabacira ku mayange inkuru yiwe, iheze ibabere inkebuzo”. info

[10] Dhu l-Qarnayini avugwa ng’aha, ni umwami w’umweranda, akaba yari n’umwislamu w’intungane yahawe ububasha n’Imana Allah bwo gutwara isi guhera mu buseruko gushika mu burengero bwayo, akaba yaranaharaniye gukwiragiza ubwislamu n’ubutungane aho hose yashika kw’isi, akanarwanya n’akarenganyo.

التفاسير: