[349] Muri Aayah ya 5 gushika ku ya 8, Imana Allah Irihaniza abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi, kuko mu gihe bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi bohanwa nk’uko Bene Israyeli bahanwe.
[350] Mwisunze ibisikanya n'ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango.
[351] Umuntu ntazohanirwa ibikorwa vya mugenziwe, eka nta n’uwuzohemberwa ibikorwa vya mugenziwe.
[352] Umuntu rero azoshobora kwisomera ivyanditswe mu gitabu ciwe, n’aho yoba atigeze amenya gusoma no kwandika akiri kw’isi.