Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
11 : 14

قَالَتۡ لَهُمۡ رُسُلُهُمۡ إِن نَّحۡنُ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُكُمۡ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ يَمُنُّ عَلَىٰ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦۖ وَمَا كَانَ لَنَآ أَن نَّأۡتِيَكُم بِسُلۡطَٰنٍ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ وَعَلَى ٱللَّهِ فَلۡيَتَوَكَّلِ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ

Nya Ntumwa zarishuye abantu bazo ziti: “Ni vyo ko twebwe ata co turi kiretse ko turi abantu nkamwe, ariko rero Imana Allah Iha ingabirano zayo uwo Ishatse mu baja bayo, Igaheza Ikamutora kuba Intumwa, nta n’ububasha dufise bwo kubazanira icemezo kigaragara cemeza ukuri ku vyo tuvuga, atari ku burenganzira bw’Imana Allah. Abemeramana rero, nibishimikize gusa Imana Allah, bayizere; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 14

وَمَا لَنَآ أَلَّا نَتَوَكَّلَ عَلَى ٱللَّهِ وَقَدۡ هَدَىٰنَا سُبُلَنَاۚ وَلَنَصۡبِرَنَّ عَلَىٰ مَآ ءَاذَيۡتُمُونَاۚ وَعَلَى ٱللَّهِ فَلۡيَتَوَكَّلِ ٱلۡمُتَوَكِّلُونَ

Twobuzwa n’iki kwishimikiza Imana Allah tukayizera kandi Yaraturongoye mu nzira zidukiza ibihano, Ikadushoboza no kwubahiriza amabwirizwa y’idini ryayo! Dutegerezwa rero kwihanganira ibangamira ryanyu. Abizera nyabuna nibishimikize gusa Imana Allah, bayizere". info
التفاسير:

external-link copy
13 : 14

وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لِرُسُلِهِمۡ لَنُخۡرِجَنَّكُم مِّنۡ أَرۡضِنَآ أَوۡ لَتَعُودُنَّ فِي مِلَّتِنَاۖ فَأَوۡحَىٰٓ إِلَيۡهِمۡ رَبُّهُمۡ لَنُهۡلِكَنَّ ٱلظَّٰلِمِينَ

Abagararije, babwiye Intumwa zabo n’ishavu n’akantu bati: “Ni ukuri, dutegerezwa kubirukana tubomore mu bihugu vyacu, canke mugaruke mw’idini ryacu”. Ni ho rero nya Ntumwa zahishurirwa n'Imana yazo Rurema Allah, Izibwira Iti: “Ubu rero ubutigu burageze; ni ukuri, Dutegerezwa guhonya abirenganije mu kugarariza Imana Allah n'Intumwa zayo; info
التفاسير:

external-link copy
14 : 14

وَلَنُسۡكِنَنَّكُمُ ٱلۡأَرۡضَ مِنۢ بَعۡدِهِمۡۚ ذَٰلِكَ لِمَنۡ خَافَ مَقَامِي وَخَافَ وَعِيدِ

Ntumwa zanje! Inyuma y’ihonywa ryabo, ni ukuri Tuzobacumbikira mu kubakomorera - mwebwe hamwe n’ababakurikiye - ubutaka bahorako. Iryo honywa ryabo n’ikomorerwa ry’abemeramana ubutaka bahorako, nta makenga arimwo, ku muntu atinya ihagarikwa imbere yanje Jewe Allah, akaniyubara ihaniza ryanje ku bihano vyo ku musi w’izuka”. info
التفاسير:

external-link copy
15 : 14

وَٱسۡتَفۡتَحُواْ وَخَابَ كُلُّ جَبَّارٍ عَنِيدٖ

Ni ho rero Intumwa zatumbera Imana Allah ziyisaba ko Yoziha intsinzi, maze Imana Allah Irazumvira, gutyo uwo wese yigira igihangange c’intumva, arahanwa bikwiye; info
التفاسير:

external-link copy
16 : 14

مِّن وَرَآئِهِۦ جَهَنَّمُ وَيُسۡقَىٰ مِن مَّآءٖ صَدِيدٖ

Imbere y’ico gihangange c’intumva, hari n’ibihano bikirindiriye mu muriro wa Jahannamu, kizonyweshwa amashira n’amaraso biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro; info
التفاسير:

external-link copy
17 : 14

يَتَجَرَّعُهُۥ وَلَا يَكَادُ يُسِيغُهُۥ وَيَأۡتِيهِ ٱلۡمَوۡتُ مِن كُلِّ مَكَانٖ وَمَا هُوَ بِمَيِّتٖۖ وَمِن وَرَآئِهِۦ عَذَابٌ غَلِيظٞ

Kizogerageza kumira nya mashira n’amaraso akatari gake, bihakwa kutarengana mu muhogo kubera akanuko n’umwokero wavyo; kizohabwa n’ibihano vy’ubwoko bwose ku bihimba vy’umubiri, kugeza n’aho cipfuza gupfa ngo kiruhuke kitari bupfe; n’inyuma y’ivyo bihano vyose, kizohabwa ibindi bihano biremereye. info
التفاسير:

external-link copy
18 : 14

مَّثَلُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِرَبِّهِمۡۖ أَعۡمَٰلُهُمۡ كَرَمَادٍ ٱشۡتَدَّتۡ بِهِ ٱلرِّيحُ فِي يَوۡمٍ عَاصِفٖۖ لَّا يَقۡدِرُونَ مِمَّا كَسَبُواْ عَلَىٰ شَيۡءٖۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلضَّلَٰلُ ٱلۡبَعِيدُ

Akarorero k’ibikorwa vy’abagararije Imana yabo Rurema Allah, ni nk’umunyota utumurwa n’umuyaga ku musi w’igihuhusi cinshi, maze nya munyota ugatumuka wose; burya nta na kimwe rero bazosigarana cobungura ku Mana Allah[3]. Ibikorwa bidashingiye ku kwemera rero, ni wo muzimagiza uri kure cane y’ukuri. info

[3] Kuko igarariza ryabo ryabigize impfagusa birazimangana nka kurya umuyaga w’igihuhusi utumura umunyota.

التفاسير: