Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti

Al-Maa'uun

external-link copy
1 : 107

أَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي يُكَذِّبُ بِٱلدِّينِ

Mbega warabonye uwuhakana yivuye inyuma, izuka ry’ibiremwa n’impera yavyo ku musi w’izuka? info
التفاسير:

external-link copy
2 : 107

فَذَٰلِكَ ٱلَّذِي يَدُعُّ ٱلۡيَتِيمَ

Uyo, ni uwuryagumba agahahaza impfuvyi, agahonyanga agateka kayo ku karenganyo; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 107

وَلَا يَحُضُّ عَلَىٰ طَعَامِ ٱلۡمِسۡكِينِ

Ntanahimirize gufungurira abakene, nkeswe kubafungurira we nyene. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 107

فَوَيۡلٞ لِّلۡمُصَلِّينَ

Burya guhanwa nya guhanwa, ni ukw’abasenga mu buryarya; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 107

ٱلَّذِينَ هُمۡ عَن صَلَاتِهِمۡ سَاهُونَ

Abirengagiza amasengesho yabo mu kutayasengera ku mwanya wayo no mu kutubahiriza ibisabwa vyayo; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 107

ٱلَّذِينَ هُمۡ يُرَآءُونَ

Abiyerekana mu vyo bakora kugira bashimwe n’abantu; info
التفاسير:

external-link copy
7 : 107

وَيَمۡنَعُونَ ٱلۡمَاعُونَ

Bakanimana mu kudatizanya utumaramuziro[1]. info

[1] Bananiwe kuba abagwaneza mu gusenga Imana Allah, bananirwa no kuba abagwaneza ku biremwa.

التفاسير: