د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي

د مخ نمبر:close

external-link copy
6 : 11

۞ وَمَا مِن دَآبَّةٖ فِي ٱلۡأَرۡضِ إِلَّا عَلَى ٱللَّهِ رِزۡقُهَا وَيَعۡلَمُ مُسۡتَقَرَّهَا وَمُسۡتَوۡدَعَهَاۚ كُلّٞ فِي كِتَٰبٖ مُّبِينٖ

Nta kiremwa na kimwe kigendagenda kw’isi, kiretse ko Imana Allah Yakigeneye ibikibeshaho, Irazi n’aho gifise icumbi mu buzima bwo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Irazi n’ahantu kizopfira, ivyo vyose kandi biranditswe ku Mana Allah mu Gitabu gitomora vyose. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 11

وَهُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ وَكَانَ عَرۡشُهُۥ عَلَى ٱلۡمَآءِ لِيَبۡلُوَكُمۡ أَيُّكُمۡ أَحۡسَنُ عَمَلٗاۗ وَلَئِن قُلۡتَ إِنَّكُم مَّبۡعُوثُونَ مِنۢ بَعۡدِ ٱلۡمَوۡتِ لَيَقُولَنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ مُّبِينٞ

Ni Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu. Imbere y’aho, Ubuhangamo bwayo bukaba bwari hejuru y’amazi. Ivyo rero, Imana Allah Yabigize kugira Ibagerageze, haheze hamenyekane uwukora ivyiza[3] ku bwayo kurusha abandi. Ntumwa y’Imana! Niwabwira abantu bawe warungitsweko uti: “Mu vy’ukuri, mwebwe muzozurwa musubizwe ubuzima inyuma yo gupfa”, ni ukuri abagarariji bazokwihutira guhakana bivuye inyuma, bavuge bati: “Iyi Qor’ani, si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye!”. info

[3] Ibikorwa vyiza, ni ivyo vyose bikorwa ku bw’Imana Allah, bikisunga inyigisho z’intumwa.

التفاسير:

external-link copy
8 : 11

وَلَئِنۡ أَخَّرۡنَا عَنۡهُمُ ٱلۡعَذَابَ إِلَىٰٓ أُمَّةٖ مَّعۡدُودَةٖ لَّيَقُولُنَّ مَا يَحۡبِسُهُۥٓۗ أَلَا يَوۡمَ يَأۡتِيهِمۡ لَيۡسَ مَصۡرُوفًا عَنۡهُمۡ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ

Nitwatenyenya kw'ihanwa ry’ababangikanyamana gushika kw’isango rizwi, bazovuga batebura bati: “None, ni igiki gituma tudahanirwa ihakana ryacu nimba ivyo bihano biriho koko!”. Bantu nimwumve mwumvireho! Umusi bashikiwe n’ivyo bihano, nta n’umwe azobihagarika canke ngo abibakureko; nya bihano bahora bateburako imbere yuko bishika, bizobugariza ku mpande zose. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 11

وَلَئِنۡ أَذَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِنَّا رَحۡمَةٗ ثُمَّ نَزَعۡنَٰهَا مِنۡهُ إِنَّهُۥ لَيَـُٔوسٞ كَفُورٞ

Iyo Duhonjeje umuntu ku mpuhwe zacu inema yo kuroranirwa, akagira amagara n’umutekano, n’ibindi nk’ivyo, bwaca Tukamwaka nya nema, araheza agaca acika intege akarangwa n’umwiheburo atwihakana ku nema Twamuhaye. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 11

وَلَئِنۡ أَذَقۡنَٰهُ نَعۡمَآءَ بَعۡدَ ضَرَّآءَ مَسَّتۡهُ لَيَقُولَنَّ ذَهَبَ ٱلسَّيِّـَٔاتُ عَنِّيٓۚ إِنَّهُۥ لَفَرِحٞ فَخُورٌ

Iyo naho Tumuhonjeje inema y’ibimubeshaho, akikenura inyuma y’amagorwa yamukozeko, aca avuga yigamba ati: “Amagorwa n’ivyago ndabisezeye pe!”. Mu vy’ukuri, kiremwa-muntu arakunda kwishimira inema, akarenza n’urugero mu kwirata ku bandi. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 11

إِلَّا ٱلَّذِينَ صَبَرُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أُوْلَٰٓئِكَ لَهُم مَّغۡفِرَةٞ وَأَجۡرٞ كَبِيرٞ

Ariko abihangana ku bw’Imana Allah mu gihe bashikiwe n’ivyago, bakanakora n’ivyiza bitegetswe ku gushima inema zayo, abo ni bo rero bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo ntibabihanirwe, bazoronka n’impano nta ngere kandi zamaho mu buzima bw'inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
12 : 11

فَلَعَلَّكَ تَارِكُۢ بَعۡضَ مَا يُوحَىٰٓ إِلَيۡكَ وَضَآئِقُۢ بِهِۦ صَدۡرُكَ أَن يَقُولُواْ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ كَنزٌ أَوۡ جَآءَ مَعَهُۥ مَلَكٌۚ إِنَّمَآ أَنتَ نَذِيرٞۚ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ وَكِيلٌ

Ntumwa y’Imana! Ku kubera igarariza n’ihakana ry’ababangikanyamana, hari n’aho kumbure vyotuma uhesha kubashikiriza bimwe mu vyo wahishuriwe ukanategekwa kubishikiriza, gutyo ugatuntuzwa n’ukuba batipfuza kuvyumva, maze ukanatinya ko bohava bagusaba amananiza; nko kuvuga bati: “Ntiyari gutuma amanurirwa amatungo menshi ngo tumwemere, canke akazanana n’umumalayika yemeza ubutumwa bwiwe!”. Ntumwa y’Imana! Bashikirize rero ata guhigimanga ivyo Jewe Allah Naguhishuriye. Ni ukuri, nta kindi ujejwe kuba kiretse ko uri Umugabisha ku bihano vyanje. Burya Imana Allah ni Yo Muhagarikizi w’ibintu vyose. info
التفاسير: