د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي

external-link copy
12 : 11

فَلَعَلَّكَ تَارِكُۢ بَعۡضَ مَا يُوحَىٰٓ إِلَيۡكَ وَضَآئِقُۢ بِهِۦ صَدۡرُكَ أَن يَقُولُواْ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ كَنزٌ أَوۡ جَآءَ مَعَهُۥ مَلَكٌۚ إِنَّمَآ أَنتَ نَذِيرٞۚ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ وَكِيلٌ

Ntumwa y’Imana! Ku kubera igarariza n’ihakana ry’ababangikanyamana, hari n’aho kumbure vyotuma uhesha kubashikiriza bimwe mu vyo wahishuriwe ukanategekwa kubishikiriza, gutyo ugatuntuzwa n’ukuba batipfuza kuvyumva, maze ukanatinya ko bohava bagusaba amananiza; nko kuvuga bati: “Ntiyari gutuma amanurirwa amatungo menshi ngo tumwemere, canke akazanana n’umumalayika yemeza ubutumwa bwiwe!”. Ntumwa y’Imana! Bashikirize rero ata guhigimanga ivyo Jewe Allah Naguhishuriye. Ni ukuri, nta kindi ujejwe kuba kiretse ko uri Umugabisha ku bihano vyanje. Burya Imana Allah ni Yo Muhagarikizi w’ibintu vyose. info
التفاسير: