[1] Igihe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yasomera Amajini iki gisomwa, igihe cose isomye iyi Aayah, nya Majini yaca yishura ati: “Eka nta n’imwe mu nema zawe Mana yacu Rurema Allah duhakana, ahubwo mbere Urakwiye ishimagizwa muri vyose!”. Birakenewe rero ko umuntu yemanga agashima inema z’Imana Allah mu gihe cose azibukijwe.
[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.
[3] Marjaani, ni ubwoko bw’amabuye y’agaciro, acukurwa mw’ibahari, akaba yiremarema mu binyabuzima biba musi yaryo, aremye nk’ishurwe rifise udushami n’imizi, akagira n’ibara risa n’agahama canke rishaka gutukura.
[4] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise mu maso mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, ata kugereranya mu maso hayo n’ah’ibiremwa mu kuntu hasa n’ukuntu haremye.
[5] Yaakuuti. ni ubwoko bw’ubutare bucukurwa musi y’ibahari, bukaba busa n’ibara ritukura canke ry’ubururu, buremye nk’ibuye, busayangana.
[6] Marjaani, ni ubwoko bw’amabuye y’agaciro, acukurwa mw’ibahari, akaba yiremarema mu binyabuzima biba musi yaryo, aremye nk’ishurwe rifise udushami n’imizi, akagira n’ibara risa n’agahama canke rishaka gutukura.