Kilniojo Korano reikšmių vertimas - Vertimas į kirundi k. - Jusuf Ghahiti

Puslapio numeris:close

external-link copy
78 : 40

وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا رُسُلٗا مِّن قَبۡلِكَ مِنۡهُم مَّن قَصَصۡنَا عَلَيۡكَ وَمِنۡهُم مَّن لَّمۡ نَقۡصُصۡ عَلَيۡكَۗ وَمَا كَانَ لِرَسُولٍ أَن يَأۡتِيَ بِـَٔايَةٍ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ فَإِذَا جَآءَ أَمۡرُ ٱللَّهِ قُضِيَ بِٱلۡحَقِّ وَخَسِرَ هُنَالِكَ ٱلۡمُبۡطِلُونَ

Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twararungitse hambere yawe Intumwa nyinshi, zaje zirarikira abo zarungitsweko ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, ziraheza zirihanganira ibangamira ry’abantu bazo. Muri zo rero, harimwo izo Twakwiganiye ido n’ido amateka yazo; harimwo n’izo Tutakwiganiye amateka yazo, zose rero zikaba zabwirijwe gushikiriza abantu bazo, ivyo zahishuriwe. Nta ho vyakabaye rero, ko Intumwa ishikiriza Aayah canke igitangaro na kimwe, kiretse ko yabishikiriza ku burenganzira no ku bushake vy’Imana Allah. Nihagera rero, ko ingingo y’Imana Allah yo guhana abahakanyi ija mu ngiro, hazocibwa urutunganye vy’ukuri hagati y’Intumwa n’abo zarungitsweko, maze abanyakinyoma bahombe ku kurementaniriza Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
79 : 40

ٱللَّهُ ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَنۡعَٰمَ لِتَرۡكَبُواْ مِنۡهَا وَمِنۡهَا تَأۡكُلُونَ

Imana Allah, ni Yo Yabagiriye ibitungwa kugira muvyikoreko, maze mwiyunguruze kuri bimwe, ibindi na vyo mufungure inyama zavyo; info
التفاسير:

external-link copy
80 : 40

وَلَكُمۡ فِيهَا مَنَٰفِعُ وَلِتَبۡلُغُواْ عَلَيۡهَا حَاجَةٗ فِي صُدُورِكُمۡ وَعَلَيۡهَا وَعَلَى ٱلۡفُلۡكِ تُحۡمَلُونَ

Ibitungwa biranabafitiye akamaro kanini cane. Yabibagiriye no kugira muvyunguruzeko ivyo mushaka kwunguruza mubijana mu bihugu vya kure; muranavyiyunguruzako imusozi, mw’ibahari na ho mukiyunguruza mu bwato. info
التفاسير:

external-link copy
81 : 40

وَيُرِيكُمۡ ءَايَٰتِهِۦ فَأَيَّ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ تُنكِرُونَ

Imana Allah, Iranabereka ivyemezo vyayo vyinshi kandi bitomoye, vyerekana ubushobozi n’ububasha vyayo ifise ku biremwa. None ni icemezo nyabaki mu vyemezo vyayo mubeshuza mugahakana! info
التفاسير:

external-link copy
82 : 40

أَفَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَانُوٓاْ أَكۡثَرَ مِنۡهُمۡ وَأَشَدَّ قُوَّةٗ وَءَاثَارٗا فِي ٱلۡأَرۡضِ فَمَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ

Mbega none, abahakanyi batigera banyurwa na Aayah hamwe n’ivyemezo vyayo, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo, ryagenze! Bari n’abantu bafise ingabo n’inguvu nyinshi kubarusha, basize n’ibisigarira bigizwe n’inyubakwa n’ibindi vyerekana ko bari bahambaye kubasumba! Ivyo barondeye vyose rero, nta co vyabamariye hageze guhanwa; info
التفاسير:

external-link copy
83 : 40

فَلَمَّا جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَرِحُواْ بِمَا عِندَهُم مِّنَ ٱلۡعِلۡمِ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ

Igihe rero abahakanyi bashikirwa n’Intumwa zabo, zikaza zibangikanije ivyemezo bitomoye, barishimiye ubumenyi bwabo buca kubiri n’ukuri bashikirizwa na nya Ntumwa, maze bakikuzwa n’ibihano bahora bihutira gusaba ko bohabwa[5] ku gutebura. info

[5] Iyi Aayah, iremeza ko ubumenyi buca kubiri n’ubwislamu, canke bubutyoza, canke butera amakenga kuri bwo, buba ari ubumenyi budakundwa n’Imana Allah, n’uko umumenyi yisunga ubwo bumenyi, atari mu bakurikizi b’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

التفاسير:

external-link copy
84 : 40

فَلَمَّا رَأَوۡاْ بَأۡسَنَا قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِٱللَّهِ وَحۡدَهُۥ وَكَفَرۡنَا بِمَا كُنَّا بِهِۦ مُشۡرِكِينَ

Igihe rero nya bahakanyi bashikirwa n’ibihano vyacu, baciye bemanga bavuga bati: “Twemeye Imana Allah Yo Yonyene, twanagararije mu kwamirira kure ivyo twahora tuyibangikanya”; info
التفاسير:

external-link copy
85 : 40

فَلَمۡ يَكُ يَنفَعُهُمۡ إِيمَٰنُهُمۡ لَمَّا رَأَوۡاْ بَأۡسَنَاۖ سُنَّتَ ٱللَّهِ ٱلَّتِي قَدۡ خَلَتۡ فِي عِبَادِهِۦۖ وَخَسِرَ هُنَالِكَ ٱلۡكَٰفِرُونَ

Ico gihe rero, ukwemera kwabo nta co kwari kubamarira kandi bamaze kwugarizwa bakagirwa n’ibihano. Ni ukwo vyamye rero ku bahakanyi b’aho hambere, ko ukwemera kwabo bamaze kwagirwa n’ibihano ata co kwaba kubamariye. Aho rero, ni ho abagarariji batemera ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, baheza bagahanwa, bakagoka bagahona. info
التفاسير: